18
ENSEIGNEMENT GENERAL ET PEDAGOGIQUE EPREUVE TYPES, EDITION 2021 SECTION : PEDAGOGIQUE DISCIPLINE : KIRUNDI IGICE MBERE 1. IFÁTIRO RISHĪNGÍYE KU BWÔRŌZI BW’ÎNKÁ Aho hāmbere, mu gihúgu câcu abāntu bări bátūnzwe n’ímyūga itāndúkānye. Ubwôrōzi n’úburimyi ni yó myūga yarí ikwîye nka höse. Nōné ibitŭngwa kó arí vyĭnshi, ivyó băshīma cāne vyări ibîhé? Hari bamwé bīyúmvīra nk’ŭyu yănditse iki gisomwá? [… ] Kuva ahó mvūkíye gushika uyu mwâka, Narabōnye ibikôkó bibi na vyīzá: Naráyatâye kurí Gikara nó kurí Buhoma, Narábōnye imbwá ndayishīmira gukúga, Impené n’íntāma ndabikūndira kó arí ibitŭngwa; Aríko inká nōyitâzīra rikarênga, Iyô mbá nári mfise ururími rurāngúrutse. Abakurambere bărayishémeje báshimitse; [… ] Harihó n’ábăyīyereka bămbaye inkĭndi Nahóra ndábibona ku Muganuro i bwămi. [… ] Jēwé inká nāyikûnda, aríko ikaba ikitûmvá Nōyivúgiye amazína atōmôye, nōné sînzí ururími ivugá Nōyĭyeretse nîtōye, nōné sînzí kó ibikŭnda[… ]. Igikorwá cā 1: wîsūnze ivyó wĭze, tānga uturorero tw'ímvo 2 zōtumá ashíra inká mu bikôkó vyīzá vyó guhayagiza (imirōngo 4-6). Igikorwá cā 2: ibĭndi bikôkó avugá murí iki gisomwá ni ibîhé? Ku bwâwé ubona abíshīma cānké abíkēngēra? Sigūra nêzá inyishú utānzé(imirōngo 4-6). Igikorwá cā 3: “Jēwé inká nāyikûnda, aríko ikaba ikitûmvá” “Nōyivúgiye amazína atōmôye, nōné sînzí ururími ivugá”. Ufátiye ku vyó wĭze, ntā mayăgwa uboná umêngo umwôrōzi arashóbora kubwîra inká nayó ikêrekana kó yategéreye icó ibwīwé? Ayo mayăgwa ni ayâhé? Sigūra inyishú utānzé(imirōngo 4-6). 2. IFÁTIRO RISHĪNGÍYE KU BWÔRŌZI BW’ÎNKÁ Murí aka gacé k’ígisomwá, havugwamwó umūntu yarí akéneye itōngo agakenera n’înká. Uwó yajá kubisaba ntíyěmera kubímurônkereza rimwé, aríko aramuhanūra kó ku bwîwé, yōbānzá gusaba inká, aramusígūrira n’íbitúma. Rāba nă we kó arí ko warí kumuhanūra.

ENSEIGNEMENT GENERAL ET PEDAGOGIQUE EPREUVE TYPES, …

  • Upload
    others

  • View
    2

  • Download
    0

Embed Size (px)

Citation preview

ENSEIGNEMENT GENERAL ET PEDAGOGIQUE

EPREUVE TYPES, EDITION 2021

SECTION : PEDAGOGIQUE

DISCIPLINE : KIRUNDI

IGICE CĀ MBERE

1. IFÁTIRO RISHĪNGÍYE KU BWÔRŌZI BW’ÎNKÁ

Aho hāmbere, mu gihúgu câcu abāntu bări bátūnzwe n’ímyūga itāndúkānye. Ubwôrōzi

n’úburimyi ni yó myūga yarí ikwîye nka höse. Nōné ibitŭngwa kó arí vyĭnshi, ivyó băshīma

cāne vyări ibîhé? Hari bamwé bīyúmvīra nk’ŭyu yănditse iki gisomwá?

“[… ] Kuva ahó mvūkíye gushika uyu mwâka, Narabōnye ibikôkó bibi na vyīzá: Naráyatâye kurí Gikara nó kurí Buhoma, Narábōnye imbwá ndayishīmira gukúga, Impené n’íntāma ndabikūndira kó arí ibitŭngwa; Aríko inká nōyitâzīra rikarênga, Iyô mbá nári mfise ururími rurāngúrutse. Abakurambere bărayishémeje báshimitse; [… ] Harihó n’ábăyīyereka bămbaye inkĭndi Nahóra ndábibona ku Muganuro i bwămi. [… ] Jēwé inká nāyikûnda, aríko ikaba ikitûmvá Nōyivúgiye amazína atōmôye, nōné sînzí ururími ivugá Nōyĭyeretse nîtōye, nōné sînzí kó ibikŭnda[… ].

Igikorwá cā 1: wîsūnze ivyó wĭze, tānga uturorero tw'ímvo 2 zōtumá ashíra inká mu bikôkó

vyīzá vyó guhayagiza (imirōngo 4-6).

Igikorwá cā 2: ibĭndi bikôkó avugá murí iki gisomwá ni ibîhé? Ku bwâwé ubona abíshīma

cānké abíkēngēra? Sigūra nêzá inyishú utānzé(imirōngo 4-6).

Igikorwá cā 3: “Jēwé inká nāyikûnda, aríko ikaba ikitûmvá”

“Nōyivúgiye amazína atōmôye, nōné sînzí ururími ivugá”.

Ufátiye ku vyó wĭze, ntā mayăgwa uboná umêngo umwôrōzi arashóbora kubwîra inká nayó

ikêrekana kó yategéreye icó ibwīwé? Ayo mayăgwa ni ayâhé? Sigūra inyishú utānzé(imirōngo

4-6).

2. IFÁTIRO RISHĪNGÍYE KU BWÔRŌZI BW’ÎNKÁ

Murí aka gacé k’ígisomwá, havugwamwó umūntu yarí akéneye itōngo agakenera n’înká.

Uwó yajá kubisaba ntíyěmera kubímurônkereza rimwé, aríko aramuhanūra kó ku bwîwé,

yōbānzá gusaba inká, aramusígūrira n’íbitúma. Rāba nă we kó arí ko warí kumuhanūra.

[… ] Wari uvúze nêza zína ry’úmukûnzi Mběga nōkwĭma inká nkayiha ndé? Nayó ivyó kūnsaba ubwătsi Wōbīzana ugáruye igicâniro. Erega umusózi ni akarêré, Aríko inká irimwó vyĭnshi. Ivūra inzara n’înyôta, Kukó ikamwa amatá Akaba ikinyŏbwa Cānké akaba inŏti Kukó umuzŭngu uyashŏreyekó Akurēngereza ijoro. Iratá amasé akaba intabíre Ikivi uyatabíje kikamera ibitagēndá. Umuvumēro wâyo Urānga ubugabo mu rugó[… ] [… ] Urîrahira ya Bigabo Abagabo bakamenya kó utīcúrira1”.

Igikorwá cā 1: Ku bwawe, icŏza imbere cōba ikí? Inka cānké itōngo? Sigūra nêzá inyishú

utānzé(imirōngo 4-6).

Igikorwá cā 2: mu mayăgwa wĭze arorá kū nká hari ayó bavúgamwó akamaro k’înká

nk’ákavúgwa murí iki gisomwá. Ayo mayăgwa ni ayâhé? Bavugamwó ibikí bihūyé n’ákamaro

k’înká karí murí iki gisomwá? Sigūra nêzá(imirōngo 4-6).

Igikorwá cā 3: inká ngo”…irānga ubugabo mu rugó” vyōbá bísigūra kó uwutágirá inká abá

atári umugabo mu rwîwé nó băndi bagabo? Gerageza gutânga insígūro y’îcó yashātsé kuvúga

ufátiye ku karorero (imirōngo 3-5).

IFATIRO RISHINGIYE KU KUVUMEREZA Agira ngo arekure inka ( inyana yayo ngo yonke), umworozi arayivumereza nayo igaheza ikamwitabiriza. None ko inka itavuga, mu kwitabira yabigenza gute? Aka karorero karantanga umuco k’ingene uwo mworozi ayaga n’inka A. Ngo Mbabazi y’ukumbabara Rubomboranyamitari Ishamba ryahiye umuyonga Mbaaa! B. Ngo Taba ritavye mu mubasho Isunika izindi itazisumba Nayikuye mu bazi kuzisasira Batazi kuzisabira

1 AKAYAZWE, Ubushikiranganji bw’Urwaruka, Inkino n’Imico Kama & Cercle Saint Paul, Grand Séminaire, Bujumbura, pp. 147-148

Mbaaa! C. Ngo Birenzi irenza urwamo imbango Inka irengeye inera ibereye intore Nayihawe na Gerero y’imikurira Atagereye intore intama Mbaaa! Igikorwa ca 1.- Mbega uwo mworozi yavumereje izihe nka? - Ukoresheje amungane yawe yubatse neza, sigura ico bafatirako mukuzita ayo mazina ( imirongo 4-8 ) Igikorwa ca 2. Mbega ko umworozi ahamagara inka ikavumera iramenya izina ryayo ikongera igatahura insiguro yayo majambo ayibwira? Sigura inyishu utanze wishimikije akarorero. (imirongo 5-8) IBIBÁZO BISĀNZWÉ

I. INDIMBURO

1. Vuga ubwoko bw’aya mungane

a) Maconco amaze gupfa Mwezi ariruhutsa

b) Mu mwiteguro w’umuganuro abapfumu b’umuganuro baba mu ngoro Nyamwiza.

c) Ko utevye ndaguhevye

d) Kira! Twese.

2. Amungane y’ikirundi ari ubwoko bukurubukuru bungahe? Tange uturorero tubiritubiri ku

bwoko bumwebumwe bwose.

3. IV.Iryungane ry’ikinege n’iry’urunani bitaniye kuki ?

4.Shira utwatuzo kuri kano gasomwa

Umuganwa ahawe igihugu yaza gushikirizwa n’umushingantahe atumwe n’umwami,

abasavyi bakaza bamukaka inyuma ngo abakize. Umuganwa apfuye asize umuhungu akuze

hari aho yashikira ingabo za se.

II. AMAYAGWA N’IMIGENZO

1. Sigura: a) Umwerere b) amashorerano c) amacike d) umurazwa e)

amatahankoni

2. Tanga uturorero 4 tw’ibikoresho vy’amata

Agasomwá kā 1

Boneka, bóneka

Boneka Birĭmba nagábanye ku kirĭmba

Mwāmbutsa anyámbitse impŭzu izûba ríva

Tērwa imibūngo yatêwe abagabo

Wōtērwá iyatêwe inzu wōbōnda

Hwi! Hwi! Hwi!

Sigūra wîsūnze insígūro y’ígisomwá:

a) Boneka

b) Imibūngo yatêwe abagabo

c) Ikirĭmba

d) Iyo nká yayígabiwe nă ndé?

e) Ako gasomwá kavūye mu mayăgwa ayâhé arorá kū nká?

Agasomwá kā 2

Ngo Birênzi irēnzá urwâmo imbāngo

Inká irēngéye inēra ibēréye intŏre

Nayíhāwe na Gerero y’ímikúrirá

Atăgereye intŏre intāma.

Mbaaa!

a) Ako gasomwá kavūye mu mayăgwa ayâhé yērékeye inká?

b) Ikivyêrekana ní ikí?

3. Sigūra: imbāngo, imikúrirá

4. Mu kwîta inká Birēnzi bōba bâbikūra kukí?

5. Vuga ubwoko bubiri bukurubukuru bw’inka Abarundi batunga.

6. Shikiriza amazina ane yerekana ugukura kw’inka

7. a) Dondora uburyo butatu buranga ingene inka zitega amahembe

b) Tanga amazina atatu afatiye ku mabara y’inka

8. Tanga ibikoresho bine vy’amata wongere uvuge n’ico kimwekimwe cose gikora

9. Erekana itandukaniro riri hagati y’ukubonekesha n’ukuvumereza

AMAYAGWA ARORA KU NKA

I. Boneka! Boneka!

Bonekera amashinga yose nk’ukwezi

Sagasaga nka Rukiga na Muganza

Sagarara nk’urucaca

Vyara ibikura dukurire umwami

Vyarira guhweza

Gwira, gwira inka ziragwira!

Utubazo

1. Ako gasomwa kavuye mu bwoko ubuhe bw’amayagwa yerekeye inka?

2. Sigura ufatiye kuri ako gasomwa:

a) Amashinga

b) Dukurire umwami

c) Sagasaga nka Rukiga na Muganza

d) Guhweza

II. « Ngo Gisaka isakaye igicaniro

Mbavu ntubashwa n’uruhuherezi

Bikubira ibamfu ku mbango

Ntango iterura batanu

Iratanga amakaba amarindira akaba ay’inyana

Ngo Mbazano y’urwano ntakwega inda mu rushanga… »

Utubazo

1. Iyo nka bayitazira Gisaka babikuye kuki ?

2. “Bikubira ibamfu ku mbango”

a) Sigura imbango

b) Tanga insiguro y’iryo ryungane ryose “Bikubira ibamfu ku mbango”

3. Sigura aya mungane rimwe ryose ukwaryo

a) “Mbavu ntubashwa n’uruhuherezi”

b) “Ntango iterura batanu”

c) “…ntakwega inda mu rushanga”

4. “…iratanga amakaba amarindira akaba ay’inyana”.

a) Tora impinyanyuro y’imvugo yakoreshejwe muri iri ryungane

b) Tanga insiguro y’ijambo “amakaba”.

5. Ako gasomwa kavuye mu mayagwa ayahe arora ku nka? Avugwa ryari?

III.Utundi tubazo ku bworozi bw’inka

1.Indosho yakoreshwa iki mu vyerekeye amata?

2.Tanga mw’ijambo rimwe icitiranwa c’integerezwa

3. Sigura

a) Inyati :

b) Ironge :

4. Tanga ivyitiranwa bibiri vy’indunduke

IGICE CĀ KÁBIRI

1. Ifátiro rishīngíye ku bwôrōzi bw’înká

“Izĭndi zāgutânze gushōka

Kêmo kā Rúgămba

Zōgutănga zōkugaya

Kêmo kā Rúgămba

Zāgutânze umuyōnga

Kêmo kā Rúgămba

Zāgutânze kurêta

Kêmo kā Rúgămba

Umwâna yāsáraye yāsāvye

Ngo ashāka amakuyano”.

Utubázo dusānzwé

1. Aka gasomwá kavūye mu bwôko ubûhé bw’ámayăgwa arorá kū nká? Băyavuga ryârí?

2. Inká ivugwá murí ako gasomwá yītwa ngw’ikí? Nyina wâyo yītwa ngw’ikí?

3. Ayo mazína bashobora kuyîta inká bábikūye kukí?

Ibikorwá bijānyé n’ígisomwá shímikiro

Igikorwá cā 1: murí aka gasomwá uwuríko aravúga ahimiriza inká ngo izĭndi ntizíyitānge. Mu

vyó ayisabá kó zitōyitānga harimwó bimwe bifitíye akamaro inká n’íbifítiye akamaro

umwôrōzi. Mu mŭngāne yāwe bitāndukānye wērékane ivyěrekeye inká n’ívyěrekeye

umwôrōzi n’ákarusho birímwó(imirōngo 4-5).

Igikorwá cā 2: mběga inká iratāhūra insígūro y’ámajāmbo ayibwĭra? Níyabá itáyatâhūra, uwo

mwôrōzi afise intūmbēro iyîhé mu kuvúga aya mayăgwa?(imirōngo 3-4).

Igikorwá cā 3: mběga ayo mayăgwa aracâvúgwa mu bihe vyâ nôné? Níyabá atákivugwa nka

kêra vyōba bíva kukí? Mu mŭngāne yāwe vuga icŏkorwa kugira ngo imigēnzo n’ámayăgwa

vyărānga Uburŭndi bisubíre guhúrūmbirwa n’úrwāruka rw’ŭbu(imirōngo 4-5).

2. IFATIRO RISHINGIYE KU BWOROZI BW’INKA

Ukworora inka ngo ryari iteka. Iryo teka none ryava kuki? Ryari rishimikiye kuki? Kugira ngo

turondere inyishu y’utwo tubazo, hinge twifashishe aka gasomwa.

ITEKA RY’UKWORORA INKA Ubworozi bw’inka aho hambere ntivyari ivyingingano Umuntu wese yaharanira agateka gaterewa n’inka. Abazitunze bari biseruye mu bandi Mw’itunga no ndimo zitabiye. Abatazitunze bama ku nama basaba abazoroye Akamaro kazo ntikari agaseseshwarumuri, Niho bazikunda bakazisaba batarambirwa. Urukundo umurundi yakunda inka rwerekanwa na vyinshi; Rabira ku mazina y’ubutore bazitazira: Buki, Mutsama, Mirire, Birimba, Muco na Kwezi. Ibicuba vy’ukuzihayagiza bamiza ku rurimi Bahaya uwabagabiye. Inka ntibayikundira ubusa yarabatungisha, Yarunga ubumwe mu miryango y’abazigabiranye.

Igikorwa ca 1: muri iki gisomwa bavuga ngo”abatazitunze bama ku nama basaba abazoroye”. Ukoresheje amungane akwiye kandi yubatse neza, vuga ibintu bitatu bashobora kuza gusaba n’akamaro vyari bifise(imirongo 3-5). Igikorwa ca 2: mu bihe vya none, urwaruka ntiruhurumbira ubworozi bw’inka. Mu mungane meza tanga ibituma bibiri wongere ubisigure neza (imirongo 3-5). Igikorwa ca 3: ufatiye ku turorero, erekana ingaruka mbi 2 na nziza 2 z’ukworora inka mu bisagara(imirongo 4-6).

IBIBÁZO BISĀNZWÉ

I. INDIMBURO

A. Tora ubwoko bw’aya mungane n’akaranga kayo

1. Yazindutse kare mu gatondo, mu nkoko ariko gushika aya mango

baracamurindiriye

2. Iyo umugore agiye kuramutsa abavyeyi ubwa mbere, abaje bikoreye baca

mw’irembo na we agaca mu canzo, agasanga se wiwe mu ntangaro y’umuryango.

3. Mu ndimburo y’ikirundi hari ubwoko bwinshi bw’amungane

B. Kwihweza iryungane n’inyubako y’ijambo

Bukebuke wa muntu we !

a) Vuga ubwoko bw’iri ryungane

b) Vuga ubwoko bwa « bukêbuké » werekane uduce twaryo n’amazina yatwo

C. Koresha utwatuzo

Inyamanza bati « ufise ubuguru buto », iti « n’ubu nyene ndabukesha ubuvyimbe, umwami

yirirwa arampiga ngo abubazemwo ubwato bw’ukwuhira inyambo ziwe ».

D. Vuga akarānga k’ámŭngāne ucé utānga uturorero tubiritúbiri.

II. AMAYAGWA N’IMIGENZO

1. Yōhó! Yōhó!

Tērera tugēndé, têrera tugēndé

Nzōbajāna mu bigéra vyā Gahōndo

Bigerá umwâka bigahûngabana irēmba

Mwănjānye kwâka mūngarukana kwêya

Ndahéza ndahîrwa nsānga umwămi yâganuye amahōnda,…

Utubázo

1. Aka gasomwá kavūye mu bwôko ubûhé bw’ámayăgwa arorá ku nká? Tōra

amajāmbo avyěrekana murí ako gasomwá.

2. Nyené kuvúga ayo mayăgwa agira ati azōzijāna”mu bigéra vya Gahōndo”.

Nôné azōzijāna kubêra ikí?

3. Ahāntu harí ibigéra(cânké ikigéra) harāngwa n’îkí?

4. Ukuvumereza n’ukwiyamiriza bitandukaniye hehe?

5. Ku bwawe ni ukubera iki abaho hambere bavugira igisabo?

IGICE CĀ GÁTATU

1. IFÁTIRO RISHĪNGÍYE KU BICÚBA

Mběga aho hambere, umurundi yoba yabona inka nk’ibindi bitungwa? Kugira dushobore

kwishura kuri ako kabazo, reka twifashishe uwayigereranije n’imbwa, n’impene n’intama,

akanavuga mbere icubahiro yahabwa ku kirimba i bwami aho amenyesha ko bayiyereka

bambaye inkindi ku muganuro2. Mbega uwu avuga ibi bicuba ntavuga nk’uwo wa mbere?

“ Mhuh! Mhuh! Mhuh!

Erega icompa inka conjana

Erega icompa inka conjana

Mwaka w’indaramanga nkabambura!

Ntayayira ntambe, ntayayira ntambe

Ntamba iratamba ikarushwa n’inkona kwanira

Mhuh! Mhuh! Mhuh! Mhuh!

Wa muntu warimiye ku nzira

Urampera umwana agahundo

Nanje nzoguhera uwawe umuhondo

Wa Bitambara na Ntaho…”

Igikorwa ca 1: avuga ko uwomuha inka yomujana(iyo ashaka). None urukundo afitiye inka ni

urukundo rw’amaronko nk’urukundo rw’amafaranga?

Sigura neza inyishu utanze(imirongo 4-6).

Igikorwa ca 2: muri ako gasomwa asaba ko bamugumiriza(nko mu ruvyino) na we aheze

atambe. Ku bwawe, ibintu 3 vyomutuma atamba(vyava ku nka) vyoba vyari ibiki?(imirongo

4-6)

Igikorwa ca 3: asaba uwarimiye ku nzira kumuhera umwana agahundo na we akamwemerera kuzomuhera uwiwe umuhondo. Ufatiye ku karorero kamwekamwe, erekana ko uburimyi n’ubworozi ari magiriranire(imirongo 4-6).

2. Ifátiro rishīngíye ku bicúba

Kugíra ngo yītêre integé mu bikorwá vyîwé uwu mwôrōzi yashîmye kuvúga ibicúba. Nōné

murí ivyo bicúba havugwa ikí? Havugwa vyĭnshi aríko aka gacé karatōmōra ibihâmbāye.

“Nyamúgura wa Bukōmbe, ntŭgurīshe inyána y’înká kirazira

Erega izo nká mubona ni imbúrabwênge

2 Akayazwe, Cercle St Paul, Grand Séminaire, Bujumbura, urup. 146

Ntizīzí uwashâje n’úwashângāye nkabāmbura

Zăratêye inkumí isōnzé amabêre

Ngo bucé mu gatôndo babēshera ibiyaga».

Igikorwá cā 1: uwuvúga ibi bicúba agira ati izo nká ni imbúrabwênge agatânga

n’însígūro(kukó zitamenyá uwashâje n’úwashângāye). Aha aba aríko aracîshiriza

atádudúrirakó ibikorwá biruhíje umŭngere/ umwôrōzi akorá. Mu mŭngāne yāwe igāna

ibikorwá bitatu bihāmbâye azikoréra n’ígitúma uboná kó biruhíje(imirōngo 4-5).

Igikorwá cā 2: uwu aríko aravúga ibi bicúba arîhaniza ngo”ntăgurīshe inyána y’înká kirazira”.

Kóko vyōba bízira kugurīsha inyána y’înká? Sigūra nêzá inyishú utānzé(imirōngo 4-5).

Igikorwá cā 3: ufátiye ku karorero kurí aka gace k’íbicúba, urabóna kó akagúmye bagumákó;

kó atāwuryá akatámugôye. Năwe andika agasomwá uvugámwó akamaro uboná mu kwîga

amashŭre, ivyŏroshe n’íbigúmye aríko ukabāndānya wîtānga kukó hazôvámwó akarusho

(imirōngo 5-7).

IBIBÁZO BISĀNZWÉ

I. INDIMBURO

1. Ni ikí kirānga amazína y’úbugabíre? Sigūra inyishú utānzé

2. Vúga ubwôko bw’ăya mŭngāne n’ákarānga kâyo

a) Ehé dăta w’înká we!

b) Yazīndutse kw’īsóko mu Ruvumēra yamará ntirāgera kurema

c) Ng’ūyó umugabo Samăndari akubise inyabutōngo inkóno irûzura nó kubunwa.

3. Erekana imirwi y’íbigíze aya mŭngāne

a) Ashítse kurí wâ muhana yīkīnga igikîngi c’îrêmba

b) Bâ bakózi bāwe böse bĭgīriye mu gisagára i Bujūmbura

c) Abâna běnshi barakûnda kurāba amarérěsi y’índwāno

d) Inkĭndi rwări urusâto rw’íngwé

4. Shirako utwâtuzo

-Mu gusoma ikirundi hari akantu twiyongererako, iyo ari amajambo yoroshe dusanzwe tuzi.

-Kera inkumi imaze gukobwa ntiyaba ikibonana n’umusore ayikoye, basigara batinyana

II. AMAYAGWA N’IMIGENZO

5. Vuga ivyiyumviro bikurubikuru bine vyiserura mu bicuba

6. « Ngo hano vyuzuzu

Vyuzura n’inka vya Mugabo

Ngw’ino twigire ku ngoma ya Rugazi

Iyo inyana y’inka ica amaribori ku mabondo

[… ]

Reka ndababarire urwanko

Urwamo rw’inka ruyaga

Ba Nyamigogo ba Nyamigomera

Kura inzego mu nzira

Nyoganyoge ntanyoye

Ntahire ntakoye

Mhuh ! mhuh ! mhuh!

1. Utubazo ku gasomwa

a) Ako gasomwa kavuye mu bwoko ubuhe bw’amayagwa arora ku nka?

b) Sigura wisunze aka gasomwa

…vyuzura n’inka(kwuzura)

…nyoganyoge ntanyoye(kunyoganyoga)

c) Sigura mu rivuga rimwe

… « ica amaribori ku mabondo »

d) … « ndababarire urwanko »

d.1. urwo rwanko arwagiriza nde ?

d.2. ruva kuki?

III. INYANDIKO

I. Sigura ico arico icegeranyo bita”compte-rendu”

II. Ni ibihe vyandikwa mu cegeranyo gicagura?

III. Tanga ibice bigize urukankara rw’ icegeranyo

IGICÉ CĀ MBERE

INYISHU ZISHOBOKA

3. IFÁTIRO RISHĪNGÍYE KU BWÔRŌZI BW’ÎNKÁ

Igikorwa ca 1 : uturorero 2 tw’imvo zatuma ashira inka mu bikoko vyo guhayagiza :

yofatira ku kamaro :

- itanga amata, amase, amafaranga,…

- itera iteka uwuyitunze.

Igikorwa ca 2 : ibindi bikoko avuga mu gisomwa : igikara, Buhoma, imbwa, impene,

intama.

Arabinegura/arabikengera n’aho yemera ko na vyo nyene muri vyo harimwo

ibitungwa nk’impene n’intama.

Igikorwa ca 3 : ego. Ayo mayagwa ni nk’ukuvumereza(umwungere ariko ahamagara

inka ikavumera), nk’ukwiyamiriza naho nyene umwungere arazibwira zikagira ico

azibwirije.

Menye neza: insiguro umwe wese asigura ukwiwe.

4. IFÁTIRO RISHĪNGÍYE KU BWÔRŌZI BW’ÎNKÁ

Igikorwa ca 1: umwe wese afise uburenganzira bwo guhitamwo ico yoshira imbere;

igihambaye n’ingene abisigura.

Igikorwa ca 2: ego. Ayo mayagwa ni nk’ibicuba. Ivyo bavugamwo bisa n’ibiri muri iki

gisomwa: itanga amata, amavuta yo kurunga”…iratanga amakaba amarindira akaba

ay’inyama”,…”Gitare senyamurunga”.

Iratanga amase:”mwabarimangenda …buce mu gatondo bagateragira amayogi”.

Igikorwa ca 3: aba ari umugabo ariko ntagira icubahiro nk’uwutunze inka; abandi

baramukengera ko ata co yirahira.

INYISHU Y’IFATIRO RISHINGIYE KU KUVUMEREZA 1. Amazina y’Inka zavumerejwe ni:Mbabazi, Taba na Birenzi

-Mbabazi rishobora gufatira kuri imwe muri izi nsiguro : a) Iyo nka yoba yatanguye kurenga inyana bakayirengura igahava iyikunda, iragira imbabazi, irayirigata, irayivumerera

b) Iyindi nsiguro ni uko Imana yoba yaragize imbabazi igashumbusha umworozi yabuze inka - Taba: Ifise umugongo wagutse/ rinini. - Birenzi: ( Kurenza: Kurusha, gusumvya ): isumba izindi ikazisumya kuvumera. Izisumvya n’ubwiza

2. Ego iramenya izina ryayo. Bariyita yavyaye uburiza, batanguye kuyikama, iraheza ikarimenyera - Ntitahura insiguro y’amajambo ayibwira Ak: Uwo mworozi naho yoyituka yoyo ntiyobimenya, ico yumva ni ingene ijwi riyihamagara canke riyikankamira

IBIBAZO BISANZWE

I. INDIMBURO

1. Ubwoko bw’aya mungane:

a) Iryungane ry’urunani mananyi

b) Iryungane ry’urunanai nyawiyunge

c) Iryungane ry’ikinege

d) Iryungane ry’igice

2. Ari ubwoko 3 bukurubukuru: amungane y’ikinege ,amungane y’urunani

n’amungane y’ibice

Umwumwe wese aratanga uturorero ku bwoko bumwebumwe bwose.

3. Iryungane ry’ikinege riba ririmwo irivuga rimwe rihadikirije nayo iry’urunani

riba ririmwo amavuga abiri canke arenga

4.Utwatuzo

Umugánwa ahâwe/ahāwé igihúgu yazá/yáza gushikirizwa n’úmushîngantăhe

atumwé/atúmwe n’úmwămi, abasavyi bakāza bámukaka inyuma ngo

abakizé/abakíze. Umugánwa apfûye/apfūyé asíze umuhŭngu akuzé hari ahó

yashíkīra ingabo zā sé.

II. AMAYAGWA N’IMIGENZO

Agasomwa ka 1

Insiguro: a) Boneka: menyekana ube rurangiranwa

b) iteka ryatewe abagabo

c) ikirimba: urugo rw’umwami canke umuganwa

d) yayigabiwe n’umwami Mwambutsa

e) ukubonekesha.

Agasomwa ka 2

a) Kavuye mu kuvumereza

b) Ni uko batangurira ku kajambo ko guhamagara”Ngo”,inka na yo mu kwitabira

ikavumera “mbaaaa”

3. Imbango : inka z’inyaruguru

Imikurira : inyana zihwewe/zicutse

5. Ubwiza

6. Ubwoko bw’inka abarundi batunga : inyambo n’inyaruguru

7. Umutavu, umukurira, umukangara, ishashi,impfizi,ibuguma,…

8. a)Ingene ziteze : ubukondwe, intenderi, ibamfu

b)Amabara : igitare, igihororo, agafyiri.

9. Ibikoresho 4 vy’amata n’ico vyakoreshwa :

Icakunze : bagikamiramwo bakanakinywesha amata

Inkongoro : ni yo abana banywesha amata

Igisabo: ni co caterera

Icakirizo: bakibikamwo amata.

10. Babonekesha bashoye inka ku rugomero, bakavumereza bagira bonkeshe inyana(ngo

bakame).

AMAYAGWA ARORA KU NKA

I. Utubazo ku gasomwa

1. Ako gasomwa kavuye mu kubonekesha

2. a) inka y’inyaruguru

b) dushikanire umwami/tugabire

c) gwira cane

d) gucutsa

II.

1. kubera ubunini bwayo

2. a) inka y’inyaruguru

b) irahahaza imbango

3. a) ntikangwa n’umuyaga urimwo imvura

b) ifise icebe rinini

c) irahagurutse, ni ndende

4. a) ibangabanganwa

b) amata bakama ubwa mbere inyana iresheje

5. Ukuvumereza: avugwa bagira bonkeshe inyana(bakame)

III. Utundi tubazo

1.a)indosho ikoreshwa mu kweyura amavuta mu mata bahejeje guterera

b)intumwa.

2.a) Umwerere : inyana imaze umunsi umwe ivutse gushika kuri itatu b) amashorerano:amata inka inka umunsi yimye c) amacike:amata yacitse atakivura d) umurazwa: amata yaraye e)amatahankoni: amata yiriwe baha umwungere acuye 3.Ibikoresho vy’amata :

a)Icakunze b) Inkongoro c)umutondwa d)Umunuma, umuzuga e)Gisabo f) Integerezwa g) umubirikira h)Indosho i) Ize M.N: inyishu 4 muri izo zirahagije

3.a) Inyati : Igika gikomeye kigenda kirabwatabwata b) Ironge : Ihembe ry’inka riciye ni iryo kuvomwamwo 4.Ivyitiranwa 3 vy’indunduke ni: - inkondo -intiyegura -inconco

IGICE CA KABIRI

3. Ifátiro rishīngíye ku bwôrōzi bw’înká

Utubazo ku gasomwa

1. Kuvugira igisabo. Bayavuga bariko baraterera

2. Kemo. Nyina wayo yitwa Rugamba

3. Kemo: igihagararo

Rugamba: ku mico yayo.

Ibikorwa bijanye n’igisomwa shimikiro

Igikorwa ca 1: * ibifitiye akamaro inka:

- gushoka(kunywa amazi inyotewe)

- guteguza umuyonga

*Ibifitiye akamaro umworozi:

(-kureta) amata→amakuyano

Igikorwa ca 2: oya ntitahura insiguro.

Intumbero y’uwuvuga aya majambo ni ukwimara irungu akitera intege ku kivi

na none iyo nka ntiba iri iruhande y’uwuterera

Igikorwa ca 3: ego. Ariko ni bake bakiyavuga kubera:

a) si benshi bagiterera, amata basigaye bayateka ari imfyufyu.

b) Hari abaterera ubu batazi ayo mayagwa.

4. IFATIRO RISHINGIYE KU BWOROZI BW’INKA

Igikorwa ca 1: bashobora gusaba amata, amavuta, amase, ibifungurwa(kuko uwufise inka

yimbura vyinshi), akazi ko kuragira, guca icarire, kuzubakira…

Igikorwa ca 2: ibituma badahurumbira uwo mwuga:

- ni igikorwa kiruhisha gisaba ukwihangana cane.

- ntibaca baronka amafaranga vuba na vuba.

Igikorwa ca 3: - ingaruka nziza: - Umworozi aba mu gisagara biramworohera kuzikurikirana

-biramworohera kuronka isoko ry’ibivuye muri uwo mwuga wiwe

- ingaruka mbi:- nta buragiro ,

-ziteza umutekano muke.

-zizana umwanda

IBIBÁZO BISĀNZWÉ

II. INDIMBURO

A. Ubwoko n’akaranga k’amungane

1. Iryungane ry’urunani mfatanyi ry’ukumenyesha

2. Iryungane ry’urunani mananyi ry’ukumenyesha

3. Iryungane ry’ikinege ry’ukumenyesha

B. Umwihwezo w’iryungane n’inyubako y’ijambo

a) Iryungane ry’igice

b) /bu - ke - bu - ke/ : intumbuzi y’ukugene

inyit its. inyit. its.

C. Utwatuzo

Inyámănza bati « ufise ubuguru butó », iti « n’ŭbu nyéne ndabukēsha ubuvyĭmbe,

umwămi yīrirwa arămpīga ngo abubăzemwó ubwâto bw’úkwūhira inyāmbo

zîwé ».

D. Akaranga k’amungane

- iryungane ryo kumenyesha

- iryungane ryo gutangara

- iryungane ryo kubaza

Umwumwe wese aratanga uturorero twiwe. E. 1. Iry ungane ry’urunani mfatanyi ry’ukubaza 2. Iryungane ry’ikinege ry’ugutangara 3. Iryungane ry’urunani nyawiyunge ry’ukumenyesha

AMAYAGWA N’IMIGENZO

1. Kwiyamiriza; -terera tugende.

-nzobajana mu bigera vya Gahondo

2. Azoba agiye kurondera ahakiri ubwatsi buremvye kuko aho asanzwe aba humye.

3. Harangwa n’amazi ava mu misozi akireka.

4. Biyamiriza bashoreye. Bakavumereza bashaka ko inka yitegurira kwonsa n’ugukamwa.

5. Kwari ukwimara irungu.

IGICÉ CĀ GÁTATU

3. Ifátiro rishīngíye ku bicúba

Igikorwa ca 1: oya, si urukundo nk’urw’amafaranga kuko inka ayikunda nk’umuntu,

nk’umwana. Ayikunda nk’uko yikunda we nyene mbere aranayihebera.

Igikorwa ca 2: ibimunezera ni itunga, amata, amase, amafaranga, iteka…

Igikorwa ca 3: ni magiriranire kuko umworozi arakenera umwimbu uvuye mu burimyi kugira

ngo afungure; nk’uko umurimyi akenera ibivuye mu bworozi bw’inka nk’amase yo gutabira,

amata, amavuta yo kurunga n’ayo kwisiga….

4. Ifátiro rishīngíye ku bicúba

Igikorwa ca 1: ibikorwa 3: kuziragira ku ruzuba no mu mvura;

kuzigisha;

kuzivura;

kuzirarira.

Igikorwa ca 2: ntakizira ariko biragoye kwikura inyana kuko kwoba ari uguhonya ubusho

akuyemwo iyivyara yopfuma agurisha agashuri

Igikorwa ca 3: ibihambaye yoshimikirako ni akamaro ko kwiga amashure, ingorane zirimwo,

akanyamuneza gaturuka ku kurengera izo ngorane kuko akagumye karya

ikinyogoto,akagumye bagumako,uwushaka umubira abira akuye,….

IBIBÁZO BISĀNZWÉ

I. INDIMBURO

1. Ikiranga amazina y’ubugabire:

- guhayagiza uwagavye

- guhayagiza ingabanwa

- kwihaya ubutwari

2. Akaranga n’ubwoko bw’amungane

a) iryungane ry’igice ryo gutangara

b) iryungane ry’urunani mfatanyi ry’ukumenyesha

c) iryungane ry’urunani mananyi ry’ukumenyesha

3. Imirwi y’ibigize iryungane

a) Nya mugabo ashítse kurí wâ muhana: umurwi w’izina

yīkīnga igikîngi c’îrêmba: umurwi w’irivuga

b) Bâ bakózi bāwe böse: umurwi w’izina

bĭgīriye mu gisagára i Bujūmbura: umurwi w’irivuga

c) Abâna běnshi: umurwi w’izina

barakûnda kurāba amarérěsi y’índwāno: umurwi w’irivuga

d) Inkĭndi : umurwi w’izina

rwări urusâto rw’íngwé: umurwi w’irivuga.

4. Utwâtuzo

-Mu gusoma ikirŭndi hari akāntu twīyóngererakó, iyó arí amajāmbo yōróshe dusānzwé tûzí. -Kěra inkumí/inkúmi imazé/imáze gukôbwa ntiyabá/ntíyabá akíbonana n’úmusóre ayikŏye, băsigara bátīnyana

II. AMAYAGWA N’IMIGENZO

5. Ivyiyumviro 4 mu bicuba: - kurata ubwiza bw’inka

- guhaya ubutwari bwa nyenezo

- guhaya uwabagabiye

- gucuvya uwutazorora neza.

6. a) Ako gasomwa kavuye mu bicuba

b) - kwuzura n’inka: gukunda inka, kuzitwararika.

- kunyoganyoga: kuneganega, gushogomanga, kujandajanda,

kugamagama

c) kudoha, gushisha, kuvyibuha,kuribora

d) d.1 arwagiriza ababanyi

d.2. ruva kw'ishari bamufitiye kubera izo nka atunze(ziravumera

zikabatera inzigo).

III. INYANDIKO

I. Icegeranyo bita “ compte rendu” ni urwandiko rugufi rwerekana ingene ubutumwa

bwaranguwe canke ingene icabaye cagenze. Kigirwa kenshi n’umuntu acandikira

uwumukurikira mu mirimo.

II. Uwandika icegeranyo aratora amakuru yibaza ko ahambaye bivanye n’abo arungikirwa.

III. - Intangarara - Umutumba - Ugusozera