32
GUIDE DE L’ELECTEUR BURUNDAIS AGATABU K’IVYEREKEYE AMATORA MU BURUNDI Ce guide est réalisé avec le soutien de l’Ambassade de France dans le cadre de son programme d’appui à la Gouvernance démocratique au Burundi Aka gatabo gakozwe kumfashanyo y’Ubuserukizi bw ‘Ubufaransa mu Burundi mu mugambi wayo wo gufasha gutwara neza na demokarasi MINISTERE A LA PRESIDENCE CHARGE DE LA BONNE GOUVERNANCE ET DE LA PRIVATISATION UBUSHIKIRANGANJI BWO MU BIRO VY’UMUKURU W’IGIHUGU BUJEJWE INTWARO IBEREYE NO GUSHIRA MU MINWE Y’ABIKORERA IVYABO AMASHIRAHAMWE YA RETA REPUBLIQUE DU BURUNDI

GUIDE DE L’ELECTEUR BURUNDAIS AGATABU K ...Le présent guide est un engagement supplémentaire dans le processus de renforcement de nos institutions démocratiques et de la citoyenneté

  • Upload
    others

  • View
    0

  • Download
    0

Embed Size (px)

Citation preview

  • GUIDE DE L’ELECTEUR BURUNDAIS

    AGATABU K’IVYEREKEYEAMATORA MU BURUNDI

    Ce guide est réalisé avec le soutien de l’Ambassade de France dans le cadre de son programme d’appui à la Gouvernance démocratique au Burundi

    Aka gatabo gakozwe kumfashanyo y’Ubuserukizi bw ‘Ubufaransa mu Burundi mu mugambi wayo wo gufasha gutwara neza na demokarasi

    MINISTERE A LA PRESIDENCE CHARGE DE LA BONNE GOUVERNANCE ET DE LA PRIVATISATION

    UBUSHIKIRANGANJI BWO MU BIRO VY’UMUKURU W’IGIHUGUBUJEJWE INTWARO IBEREYE NO GUSHIRA MU MINWE Y’ABIKORERA IVYABO

    AMASHIRAHAMWE YA RETA

    REPUBLIQUE DU BURUNDI

  • © MINISTERE A LA PRESIDENCE CHARGE DE LA BONNE GOUVERNANCE ET DE LA PRIVATISATION, AVRIL 2015

    Achevé d’imprimer par Hope Design - Bujumbura, avril 2015

  • MINISTERE A LA PRESIDENCE CHARGE DE LA BONNE GOUVERNANCE ET DE LA PRIVATISATION

    UBUSHIKIRANGANJI BWO MU BIRO VY’UMUKURU W’IGIHUGUBUJEJWE INTWARO IBEREYE NO GUSHIRA MU MINWE Y’ABIKORERA IVYABO

    AMASHIRAHAMWE YA RETA

    GUIDE DE L’ELECTEUR BURUNDAIS

    AGATABU K’IVYEREKEYEAMATORA MU BURUNDI

    Ce guide est réalisé avec le soutien de l’Ambassade de France dans le cadre de son programme d’appui à la Gouvernance démocratique au Burundi

    Aka gatabo gakozwe kumfashanyo y’Ubuserukizi bw ‘Ubufaransa mu Burundi mu mugambi wayo wo gufasha gutwara neza na demokarasi

    REPUBLIQUE DU BURUNDI

  • PRéFACE

    2

    L’année 2015 est importante pour le Burundi. Elle constitue une étape importante pour nous tous « citoyens burundais » qui sommes convoqués à plusieurs scrutins (élections communales, législatives et présidentielles), des événements qui renforceront notre démocratie et notre engagement pour la paix et le développement de notre pays.

    Le Gouvernement de la République du Burundi, via le Ministère à la Présidence chargé de la Bonne Gouver-nance et de la Privatisation (MPBGP), a initié ce guide pour faire connaître au plus grand nombre d’électeurs burundais les règles de base du processus électoral et démocratique au Burundi.

    C’est dans le cadre de la concrétisation de la volonté du Gouvernement du Burundi de promouvoir la bonne gouvernance dans la gestion des institutions publiques que ce guide pratique a été rédigé sur la base de la Stratégie Nationale de Bonne Gouvernance et de Lutte contre la Corruption (SNBGLC) 2011-2015.

    Un programme de gouvernance qui nous permet de participer en tant que citoyen à faciliter le dialogue et à le construire autour des problématiques et des défis auxquels nous sommes tous confrontés. Toutefois, il existe de nombreux grands défis dans la consolidation de la gouvernance démocratique au Burundi qui ont été identifiés par nos institutions. La Gouvernance électorale est une consolidation de l’Etat de droit qui nous éloigne des spectres de la violence, de la rancœur, des manipulations apparentes associées aux élections, ainsi que de la tendance aux règlements des différends politiques après les conflits électoraux. Ces signes d’insuffisances des capacités de nos institutions à apaiser les tensions et apporter des solutions ne doivent plus exister. Notre rôle est de favoriser un dialogue national et un espace de concertation permanent pour consolider nos institutions et promouvoir une société stable et pacifique.Ainsi, notre engagement est de multiplier les initiatives, et de se projeter sur l’avenir de notre gouvernance et notre démocratie.

    Le présent guide est un engagement supplémentaire dans le processus de renforcement de nos institutions démocratiques et de la citoyenneté au Burundi.

    En espérant que ce guide pratique vous apportera un éclairage sur l’électeur, l’élu et les liens qui les unissent au quotidien. Les informations contenues dans ce guide ne doivent pas être considérées comme exhaustives, et les textes en vigueur s’entendent comme les textes applicables sur le territoire burundais au jour de l’élaboration de ce guide, c’est-à-dire au mois de mars 2015.

    Le Ministre à la Présidence chargé de la Bonne Gouvernance et de la Privatisation M. Ernest MBERAMIHETO

    Le Président de la Commission Electorale Indépendante Ambassadeur Pierre-Claver NDAYICARIYE

  • INYINJIZO

    3

    Umwaka w’2015 urahambaye mu Burundi. Ni uw’intambwe ikomeye ku Barundi twese dutegerejwe kwitaba amatora y’abarongora amakomine, y’Abashingamateka n’Abakenguzamateka, y’Umukuru w’igihugu. Ni ibihe bishimangira demokarasi yacu bikatwongerereza inkomezi zo guharanira amahoro n’iterambere mu gihugu.

    Reta ya Repuburika y’Uburundi, ibicishije ku Bushikiranganji bwo mu biro vy’Umukuru w’igihugu bujejwe intwaro ibereye no gushira mu minwe y’abikorera ivyabo amashirahamwe ya Reta, yaratunganije aka gatabu kugira abenegihugu bose begwa n’amatora bamenye amategeko ngenderwako ajanye n’ibiringo vy’amatora na demo-karasi mu Burundi.

    Aka gatabu kanditswe kugira gafashe gushira mu ngiro ugushaka kwa Reta y’Uburundi mu vyerekeye guteza imbere intwaro ibereye mu gutunganya inzego za Reta, hisunzwe Umugambi w’igihugu w’intwaro ibereye no kurwanya igiturire 2011-2015.

    Ni umugambi w’intwaro ibereye ufasha abenegihugu twese gushira imbere inama n’ingingo mu gihe duhangana n’ibibazo canke ingorane dufise. Nkako inzego z’igihugu zaramaze kudoma urutoke ku ngorane nkurunkuru zijanye no kubungabunga intwaro ya demokarasi mu Burundi. Intwaro ikomoka ku matora irabungabunga Reta ishingiye ku butungane, iyo nayo ikadukingira ubugizi bwa nabi butandukanye, inzigo, amarementanya yo mu bihe vy’amatora, kandi ikadufasha gutora inyishu zibereye ku mpari za poritike zikomoka ku matora. Inzego zacu zirakwiye ubushobozi buhagije bwo guhwamika imishamirano no gutorera inyishu ibibazo bigiye ahabona. Dutegerezwa gushira imbere inama n’ingingo ya misi yose ku rwego rw’igihugu, kugira inzego zamane inkomezi zikwiye, abenegihugu babeho mu mahoro ata guhugumbwa.

    Gurtyo tuzoba twiyemeje kugwiza ivyiyumviro n’ibikorwa bitwereka kazoza k’intwaro ibereye na demokarasi mu Burundi.

    Aka gatabu kerekana ko tubandanya dushigikira urugendo rwo gukomeza inzego za demokarasi n’iz’ubwenegi-hugu mu burundi.

    Turizeye ko aka gatabu kabazanira umuco ku vyerekeye uwutora n’uwutorwa, n’imigenderanire iri hagati yabo mu buzima bwa misi yose. Aka gatabu ntikarimwo vyose, kandi noneho kanditswe muri Ntwarante 2015 mu gihe hasanzwe hari amategeko akurikizwa mu gihugu c’Uburundi.

    Umushikiranganji wo mu Biro vy’Umukuru w’Igihugu ajejwe Intwaro ibereye no gushira mu minwe y’ abikorera ivyabo amashirahamwe ya Reta

    Ernest MBERAMIHETO

    Umukuru w’Umugwi w’Igihugu wigenga ujejwe gutunganya Amatora Ambassadeur Pierre-Claver NDAYICARIYE

  • TABLE DE MATIèRE

    I. INTRODUCTION

    II. DE L’ETAT ET DE LA SOUVERAINETE 1. La République et la souveraineté 2. La démocratie et le suffrage universel

    III. LES DROITS DE L’ELECTEUR 1. Critères d’éligibilité 2. La liste électorale 3. Le droit et le devoir de voter 4. Où voter ?

    IV. QUI PEUT ETRE CANDIDAT ? 1. Tu peux être élu Président 2. Tu peux être élu Député 3. Tu peux être élu Sénateur 4. Tu peux être élu membre du Conseil Communal ou Administrateur communal 5. Tu peux être élu membre du Conseil de colline ou de quartier

    V. CAMPAGNE ELECTORALE 1. Qu’est-ce qu’une Campagne électorale 2. Qui peut faire une Campagne ? 3. Quand peut-on faire une Campagne électorale 4. Dans quel esprit dois-tu mener une Campagne électorale 5. Quels sont les instruments que la loi autorise pour faire la Campagne électorale 6. Avec quelles ressources faire la Campagne 7. Programmes des candidats indépendants et des partis Politiques

    VI. LES OPERATIONS ELECTORALES 1. Calendrier électoral 2. Bureau de vote 3. Comment dois-tu voter ? 4. Dépouillement 5. Les résultats de vote

    4

  • IBIRIMWO

    I. INTANGAMARARA

    II. IVYEREKEYE RETA N’UBWIGENGE 1. Repuburika n’ubwigenge 2. Demokarasi n’amatora y’ijwi ku muntu

    III.UBURENGANZIRA BW’UWUTORA 1. Ibisabwa 2. Urutonde rw’abatora 3. Uburenganzira bwo gutora 4. Utorera he ?

    IV. NI NDE AREKURIWE KWITOZA ? 1. Urashobora gutorwa ngo ube Umukuru w’Igihugu 2. Urashobora gutorwa ngo ube Umushingamateka 3. Urashobora gutorwa ngo ube Umukenguzamateka 4. Urashobora gotorwa ngo uje mu Nama ya Komine canke ube Musitanteri 5. Urashobora gutorwa ngo uje mu Nama y’Umutumba canke y’ikaratiye

    V. UMWIYAMAMAZO 1. Umwiyamamazo ni iki ? 2. Ni nde ashobora gukora umwiyamamazo ? 3. Umwiyamamazo ukorwa ryari ? 4. Ni akahe gatima wokorana umwiyamamazo ? 5. Ibikoresho amategeko yemera mu myiyamamazo ni ibihe? 6. Imyiyamamazo ikoreshwa uburyo buvuye he? 7. Imigabo n’imigambi y’abitoza n’iy’Imigambwe

    VI. IBIKORWA VY’AMATORA 1. Ikirangamisi c’amatora 2. Ibibanza vy’amatora 3. Utora gute ? 4. Iharura ry’amajwi 5. Ivyavuye mu matora

    5

  • I. Introduction

    Le Gouvernement positionne la bonne gouvernance et la lutte contre la corruption comme des préalables au développement de l’Etat de droit et de la justice sociale.La Constitution de la République du Burundi et le Code Electoral confèrent les mêmes droits et devoirs aux citoyens, leur garantit l’égalité en mérite et en dignité, le droit de voter et de se faire élire, le droit de participer à la gestion des affaires de l’Etat et d’accéder à la fonction publique, le devoir de contribuer à la sauvegarde de la paix, de la démocratie et de la justice sociale, la liberté, la transparence et la régularité des élections. Cela transparaît notamment dans les articles 13, 19, 20, 51, 73, 86 et 87 de la Constitution et dans les articles 94, 125, 158, 172, et 183 du Code Electoral.

    La Stratégie Nationale de Bonne Gouvernance et de Lutte contre la Corruption(SNBGLC) 2011-2015 consacre sa première partie à la gouvernance. Le premier axe de celle-ci, relatif à la Gouvernance politique et démocra-tique, porte sur les élections, les institutions politiques et l’Etat de droit. Un accent particulier est mis volontaire-ment sur les élections en tant que vecteur de la volonté du peuple.

    Le MPBGP s’attèle à sensibiliser la population, les élus locaux et l’administration locale, sur l’importance des enjeux et des comportements à tirer de ces textes de référence. C’est dans ce cadre que le MPBGP a initié, avec l’appui de la Coopération française à travers son programme « Appui à la gouvernance démocratique au Burundi » géré par l’Ambassade, un guide de vulgarisation sur les droits civiques et politiques, les élections et la sensibilisation à la participation citoyenne aux élections. Ainsi, le MPBGP et ses partenaires institutionnels nationaux tentent de répondre à travers ce guide à vos interrogations relatives au processus de déroulement des élections dans notre pays.

    Le Ministre à la Présidence chargé de la Bonne Gouvernance et de la Privatisation M. Ernest MBERAMIHETO

    6

  • Reta y’Uburundi iremeza ko intwaro ibereye no kurwanya igiturire ari inkingi z’iterambere rya Reta ishingiye ku mategeko no ku butungane kuri bose.Ibwirizwa Shingiro rya Repuburika y’Uburundi n’Ibwirizwa rigenga amatora araha Abanyagihugu bose uburenganzira bumwe n’ivyo bategerejwe, ukungana mu guhiganwa no mu gufatwa runtu, uburenganzira bwo gutora no kwitoza, bwo gufasha mu gutunganya ivy’igihugu no kuronka akazi ka Reta, bwo gufasha mu kubungabunga amahoro, demokarasi n’ubutungane kuri bose, ubwigenge, umugaragaro n’ubugororotsi vy’amatora. Ivyo biri mu ngingo za 13, 19, 20,51,73, 86 na 87 z’Ibwirizwa shingiro no mu ngingo za 94,125, 158, 172 na 183 z’Ibwirizwa rigenga amatora.

    Umugambi w’Igihugu w’intwaro ibereye no kurwanya igiturire 2011-2015 ushira intwaro ibereye mu gice cawo ca mbere. Mu vyerekeye intwaro ya poritike na demokarasi, ico gice kivuga ivyerekeye inzego za poritike na Reta ishingiye ku mategeko. Kirashimikira bimwe bigaragara ku nsiguro yuko ugushaka kw’abanyagihugu kwiyereka-nira mu matora. Umugambi w’igihugu w’intwaro ibereye no kurwanya igiturire urihatira kwumvisha Abenegihugu, abatowe n’abarongoye intwaro mu nzego z’ibanze, uburemere bw’ayo mategeko n’imigenzo myiza bategerejwe kuyakuramwo.

    Aho ni ho Ubushikiranganji bwo mu Biro vy’Umukuru w’Igihugu bujejwe Intwaro ibereye no gushira mu minwe y’ abikorera ivyabo amashirahamwe ya Reta bwahereye, bufadikanije n’Ubuserukizi bw’igihugu c’Ubufaransa mu mugambi wabwo wo « Gufasha intwaro ya demokarasi mu Burundi », kugira butegure agatabu kamenyekanisha mu Benegihugu uburenganzira bwabo muri poritique no mu matora, kandi bubahimirize kwitabana amatora umutima wo kwubaka Igihugu.

    Gurtyo rero Ubwo Bushikiranganji bukaba bufashije gutanga inyishu z’ibibazo bijanye n’iringanizwa ry’amatora mu gihugu cacu.

    Umushikiranganji wo mu Biro vy’Umukuru w’Igihugu ajejwe Intwaro ibereye no gushira mu minwe y’ abikorera ivyabo amashirahamwe ya Reta

    Ernest MBERAMIHETO

    I. Intangamarara

    7

  • II. De l’Etat et de la souveraineté1. La République et la souveraineté

    • Le Burundi est une République indépendante, souveraine, laïque, démocratique, unitaire et respectant sa diversité ethnique et religieuse. • La souveraineté appartient au peuple qui exerce le pouvoir politique directement ou par l’intermédiaire de représentants élus.

    Les symboles de la Républiques sont :

    • Le drapeau national Le drapeau du Burundi est tricolore : vert, blanc et rouge. Il a la forme d’un rectangle partagé par un sautoir, comportant en son centre un disque blanc frappé de trois étoiles rouges à six branches qui forment un triangle équilatéral fictif inscrit dans un cercle fictif ayant le même centre que le disque et dont la base est parallèle à la longueur du drapeau.

    • La langue nationale : est le Kirundi.• Les langues officielles : sont le Kirundi et le Français. • L’hymne nationale : est « Burundi Bwacu »• La devise nationale

    La devise du Burundi est « Unité, Travail, Progrès ». L’emblème de la République du Burundi est un écu frappé de la tête du lion ainsi que de trois lances, le tout entouré de la devise nationale.

    • Le Burundi a proclamé son Indépendance ; le 1er juillet 1962• La Capitale du Burundi est Bujumbura• Le Burundi est composé de 17 Provinces et 129 Communes,(à partir des élections de 2015 la Mairie de Bu-jumbura va compter 3 communes à savoir Ntahangwa, Mukaza et Muha)

    2. La démocratie et le suffrage universel

    Le Burundi est une démocratie : gouvernement du peuple par le peuple et pour le peuple. Elle est dite consensuelle car elle se base sur les équilibres prévus dans l’Accord d’Arusha.

    Le suffrage est universel, égal, secret, libre et transparent. Il peut être direct pour les élections du Prési-dent, les élections des Députés, les élections des Conseils communaux et les élections des membres de Conseil de collines ou de quartiers ; il est indirect pour les élections des Sénateurs.

    8

  • 1. Repuburika n’ubwigenge

    • Uburundi ni Repuburika yikukiye, yigenga, ata dini yegamiye, iharanira demokarasi, imwe rudende, kandi yu-baha ubudasa bwayo bw’amoko n’amadini.• Ubwigenge buhagaze ku Banyagihugu. Ni bo bafise ubutegetsi bwa poritike ku bwabo bo nyene canke babu-cishije ku bo bitoreye.

    Ibimenyetso vya Repuburika y’Uburundi ni ibi :

    • Ibendera ry’IgihuguIbendera ry’Uburundi rifise amabara atatu : iry’icatsi kibisi, iryera, n’iritukura. Riteye bwa rukiramende rufise ha-gati ingasire yera icafyeko inyenyeri zitatu zitukura z’amashami atandatu agize inyabutatu iri mu muzingi ujanye na ya ngasire, kandi ubwicaro bwayo bubangabanganwa n’uburebure bw’ibendera.

    • Ururimi rw’Igihugu ni « Ikirundi »• Indimi Reta ikoresha ni Ikirundi n’Igifaransa. • Indirimbo y’Igihugu ni « Burundi bwacu »• Icivugo c’Igihugu

    Icivugo c’Uburundi ni « Ubumwe, Ibikorwa, Amajambere ».Ikimenyetso gikuru ca Repuburika y’Uburundi ni agasahani gacafyeko umutwe w’intare n’amacumu atatu, ivyo vyose bikaba hagati y’icivugo c’Igihugu.

    • Uburundi bwikukiye ku wa mbere Mukakaro 1962.• Umugwa mukuru w’Uburundi ni Bujumbura.• Uburundi bugizwe n’intara 17 n’amakomine 129 (kuva ku matora yo muri 2015, igisagara ca Bujumbura kizoba kigizwe n’amakomine 3 ari yo Ntahangwa, Mukaza et Muha)

    2. Demokarasi n’amatora y’ijwi ku muntu

    Uburundi buri muri demokarasi : Reta y’Abenegihugu, itwarwa n’Abenegihugu, ku neza y’Abenegi-hugu. Ni Reta y’umwumvikano kuko ishimikiye ku gusabikanya ubutegetsi mu buryo bwategekanijwe n’amase-zerano y’i Arusha.

    Amatora y’ijwi ku muntu atarenganya, yo mw’ibanga, mu mwidegemvyo no ku mugaragaro. Abenegihugu baritorera bo nyene Umukuru w’Igihugu, Abashingamateka, abagize Inama z’amakomine, z’imitumba n’izamakaratiye. Abenegihugu baratuma abo batoye mu makomine mu gutora Abakenguzamateka.

    II. Ivyerekeye Leta n’ubwigenge

    9

  • III. Les droits de l’électeur1. Critères d’éligibilitéEgalité des voix : Le vote exprimé par un électeur a la même valeur que tous les autres. C’estle principe : « un électeur, une voix ». La démocratie fait que tout citoyen, quel que soit son sexe, son origine, son niveau d’éducation ou sa richesse, participe à la vie nationale. Le vote est secret et personnel. Chaque électeur est libre de voter pour le candidat de son choix, sans être influencé ni contraint par qui que ce soit : conjoint, enfants, dirigeants locaux ou membres de bureau de vote.

    Qui peut voter ?Un citoyen est celui qui dispose de la nationalité burundaise.Est électeur :• tout citoyen burundais âgé de 18 ans révolus à la date du scrutin,• jouissant de ses droits civils et politiques, ce qui veut dire qu’il n’est ni un incapable majeur ; - ni condamné pour crime ou délit ; - ni privé par décision judiciaire du droit de vote.La qualité d’électeur s’acquiert après inscription sur la liste électorale.L’inscription sur la liste électorale est un devoir pour chaque citoyen.

    2. La liste électoraleLa liste électorale est le registre officiel sur lequel sont inscrits par ordre alphabétique les noms des Burundais qui ont le droit de voter.Chaque centre d’enrôlement a sa liste électorale.

    > L’inscription L’inscription se fait par le biais d’un recensement au centre d’enrôlement.La Commission Electorale Nationale Indépendante (CENI) est chargée de s’assurer que tous les citoyens rem-plissant les conditions pour être électeurs sont inscrits dans la liste.Il est strictement interdit de s’inscrire sur plusieurs registres de recensement.> La vérificationUne fois la liste arrêtée par les autorités compétentes et des publications de l’avis au public sous forme d’affi-chage, chaque électeur est tenu de vérifier son inscription.Toute réclamation portant sur une omission ou une erreur d’inscription est adressée à la CECI.Tout citoyen qui constate un cas de fraude dans chaque processus électoral a le devoir de le signaler à l’admi-nistration électorale. > La carte d’électeur L’inscription sur le registre de recensement donne droit à la délivrance de la carte d’électeur.

    3. Le droit et le devoir de voterLe droit de voter est à la fois un droit civique et politique. Ce droit est indissociable de l’exercice des libertés d’opinion et d’expression garanties par la Constitution. Il est le principe fondateur de la démocratie.Les citoyens ne sont pas contraints de voter, mais ne pas voter laisse le champ ouvert aux autres de décider pour nous, sans prendre en compte notre point de vue ni nos aspirations.

    4. Où voter ?L’emplacement des bureaux de vote sont fixés par décision du Président de la Commission Electorale Nationale Indépendante.

    10

  • III. Uburenganzira bwo gutora

    11

    1. Ibisabwa> Ukungana kw’amajwi :Ijwi ry’uwutoye ringanya agaciro n’ay’abandi bose. Bavuga bati : « uwutoye umwe, ijwi rimwe ».Demokarasi isaba ko umwenegihugu wese, ata kuraba igitsina, amamuko, indero n’amashure canke amatungo, abamwo mu gutunganya ubuzima bw’Igihugu.Ugutora ni igikorwa co mw’ibanga kandi ni ica muntu. Uwutora wese aridegemvya kandi ahitamwo uwitoza yis-hakiye, ata muntu amuhendahenze canke ngo amuhate : uwo bubakanye, abana biwe, abatware b’ibanze canke abajejwe ikibanza c’amatora.

    > Ni nde ashobora gutora ?Umwenegihugu ni uwufise ubwenegihugu bw’Uburundi.Uwutora ni :• Umwenegihugu w’Umurundi wese arengeje imyaka 18 ku musi w’amatora, afise uburenganzira bwiwe bwose bw’ubwenegihugu na poritike, bisigura ko

    - naho yoba akuze ata bumuga afise bumutesha ubwigenge;- ata munyororo arahanishwa nkuko Ibwirizwa rigenga amatora ribitegekanya mu ngingo ya 5 ;- ata ngingo y’Ubutungane imutesha uburenganzira bwo gutora. Umuntu yemererwa kuzotora amaze kwiyandisha ku rutonde rw’abatora. Ukwiyandisha ku rutonde rw’abatora ni ngombwa ku mwenegihugu wese.

    2. Urutonde rw’abatoraUrutonde rw’abatora ni igitabu ca Reta canditsemwo amazina y’Abarundi bafise uburenganzira bwo gutora ; kibakurikiranya cisunze indome zigize amazina yabo.Ikibanza c’iyandikiro cose gifise urutonde rw’abatora rwaco.

    > UkwandikwaUkwandikwa guca ku rusansuma rubera mu kibanza c’iyandikwa. Umugwi w’Igihugu wigenga ujejwe amatora (CENI) ni wo uraba neza ko abenegihugu bose bakwije ivya ngom-bwa banditswe ku rutondeKirazira kikaziririzwa kwiyandikisha ku ntonde nyinshi z’urusansuma.> UguhinyuzaIgihe urutonde rwakozwe n’ababifitiye ububasha kandi bakarumanika mu kibanza kibonwa na bose, uwutora wese ategerezwa kuraba neza ko yanditswe.Ico cose coba cibagiwe canke ikosa ryoba mu rutonde bishikirizwa Umugwi wigenga ujejwe amatora muri Komine (CECI).Umwenegihugu wese abonye ubusuma mu nteguro y’amatora iyariyo yose ategerezwa kubibwira inzego zijejwe amatora. > Ikarata y’uwutoraUkwandikwa ku rutonde rwa rusansuma rutanga uburenganzira bwo kuronka ikarata y’uwutora.

    3. Uburenganzira bwo gutoraUburenganzira bwo gutora ni uburenganzira bw’ubwenegihugu kandi bwa poritique. Ubwo burenganzira bujanye n’ubwo gushikiriza ivyiyumviro vya muntu buhagarariwe n’Ibwirizwa Shingiro. Ni yo nkingi nkuru ya Demokarasi.Abenegihugu ntibategerejwe gutora ku nguvu, ariko kudatora gufasha abandi gufata ingingo mu kibanza cacu, bataravye iciyumviro cacu canke ivyifuzo vyacu.

    4. Utorera hehe ?Ibibanza vy’amatora bishingwa n’ingingo y’Umukuru w’Umugwi w’Igihugu wigenga ujejwe amatora.

  • 12

    IV. Qui peut être candidat?

    1. Tu peux être élu Président

    > Comment le Président est-il élu ?• Le Président de la République est élu au suffrage universel direct ;• Le mandat du Président de la République est de Cinq ans renouvelable une seule fois ;• Le mandat du Président de la République débute le jour de sa prestation de serment et prend fin à l’entrée en fonction de son successeur ;

    > Pour être élu Président tu dois :• Avoir la qualité d’électeur• Etre de nationalité burundaise de naissance ;• Avoir 35 ans au moins ;• Résider sur le territoire du Burundi au moment de la présentation des candidatures ;• Jouir de tous ses droits civils et politiques ;• Souscrire à la Charte de l’Unité Nationale ;• Etre parrainée par un groupe de deux cent personnes formé en tenant compte des composantes ethniques et du genre. Ce groupe doit revêtir un caractère national ;• Avoir constitué un cautionnement de quinze millions de francs burundais (15.000.000 fbu).

    2. Tu peux être élu député.

    > Comment le Député est-il élu ?• Les Députés sont élus au scrutin de liste bloquée, à la représentation proportionnelle selon le critère du nombre de la population de chaque province ;• L’attribution des sièges se fait par rapport au nombre de voix obtenues par chaque liste, selon le système du quotient électoral et à plus fort reste ;• Pour trois candidats inscrits à la suite sur une liste, deux seulement peuvent appartenir au même groupe ethnique, et au moins un sur quatre doit être femme ;• Le mandat d’un député est de 5 ans ;

    > Pour être élu député tu dois :• Avoir la qualité d’électeur ;• Avoir la nationalité burundaise de naissance ou l’avoir acquise depuis au moins dix ans ;• Etre âgé de 25 ans et plus au moment de l’élection ;• Etre physiquement apte ;• Jouir de tous ses droit civils et politiques ;• Résider au Burundi lors de la présentation des candidatures et être natif, établi ou ressortissant de la pro-vince concernée ;• Avoir constitué un cautionnement de cinq cent mille de francs burundais (5.00.000fbu) par liste de candidats indépendants ou de partis politiques.

  • 13

    IV. Ni nde ashobora kwitoza?1. Urashobora gutorwa ngo ube Umukuru w’Igihugu

    > Umukuru w’Igihugu atorwa gute ?• Umukuru w’Igihugu atorwa kw’ijwi ku muntu;• Ikiringo c’Umukuru w’Igihugu kimara imyaka itanu kandi arashobora kwongera kwitoza rimwe gusa ; • Ikiringo c’Umukuru w’Igihugu gitangura ku musi arahiye kikarangira umusi uwumusubiriye nawe ara-hiye.

    > Kugira witoze mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu, utegerezwa• Kuba ufise uburenganzira bwo gutora;• Kuba wavukanye ubwenegihugu bw’Umurundi ;• Kuba ufise canke urenza imyaka 35;• Kuba mu Burundi mu gihe abitoza biyandikisha ; • Kuba ufise uburenganzira bw’ubwenegihugu na poritike ;• Kwemeza ko wisunga igitabu c’ubumwe bw’Abarundi ;• Guhagarikirwa n’umugwi w’abantu amajana abiri ugizwe n’abantu bo mu bwoko bwose, abagabo n’abakenyezi, kandi bo mu mihingo yose y’Igihugu ; • Kuba waratanze ingwati y’amafaranga y’amarundi imiriyoni cumi na zitanu (15.000.000 fbu).

    2. Urashobora gutorwa ngo ube Umushingamateka

    > Umushingamateka atorwa gute ?• Abashingamateka batorwa ku rutonde rwugaye, igitigiri cabo kikisunga ic’abanyagihugu bo mu ntara yabo ;• Intebe zabo zitangwa baravye amajwi urutonde rwose rwaronse mu buryo bukurikira : baragabura ama-jwi yose yahawe abitoza ku ntebe zose zo mu ntara, bakaba baronse urugero rw’umukandida umwe wese. Hanyuma bakagabura amajwi y’urutonde rumwerumwe rwose kuri urwo rugero, bakaba baronse igitigiri c’inte-be z’urutonde rumwerumwe. Intebe zisigaye zihabwa urundi rutonde ruri mw’ihiganwa, bahereye ku barushije amajwi abandi. • Ku bitoza batatu bakurikirana ku rutonde, babiri gusa barashobora kuba basangiye ubwoko, kandi umwe kuri bane ategerezwa kuba ari umukenyezi ; • Ikiringo c’Umushingamateka kimara imyaka itanu.

    > Kugira witoze kuba Umushingamateka, utegerezwa:• Kuba ufise uburenganzira bwo gutora;• Kuba wavukanye ubwenegihugu bw’Umurundi canke kuba ubumaranye imyaka icumi canke irenga ;• Kuba ufise canke urenza imyaka 25 mu gihe c’amatora;• Kuba ufise amagara meza ;• Kuba ufise uburenganzira bw’ubwenegihugu na poritike• Kuba mu Burundi mu gihe co kwiyandikisha kandi ukaba uri imvukira yo mu ntara witozamwo, canke ukaba ari yo usigaye ubamwo ; • Kuba watanze ingwati y’amafaranga y’amarundi ibihumbi amajana atanu (500.000 fbu) ku rutonde rwose rw’abitoza baba abigenga canke baba ab’imigambwe.

  • 14

    > Répartition des sièges des députés à pourvoir par province *

    N° PROVINCE Nombre de sièges à pourvoir

    01 BUBANZA 4

    02 BUJUMBURA 7

    03 BURURI 7

    04 CANKUZO 3

    05 CIBITOKE 6

    06 GITEGA 9

    07 KARUSI 6

    08 KAYANZA 7

    09 KIRUNDO 8

    10 MAKAMBA 5

    11 MURAMVYA 4

    12 MUYINGA 8

    13 MWARO 3

    14 NGOZI 8

    15 RUTANA 4

    16 RUYIGI 5

    17 MAIRIE DE BUJUMBURA 6

    TOTAL 100

    * Le Burundi comptera 18 provinces à partir de l’été 2015.

    • Après les élections des députés la CENI procède à la cooptation de trois Députés issus de l’ethnie Twa. • La CENI peut procéder à d’autres cas de cooptation afin de respecter les équilibres constitutionnels ; 60% de Hutu, 40% de Tutsi et au moins 30% de femmes.

  • 15

    > Ingene intebe z’Abashingamateka zigabuwe ku ntara*

    N° INTARA Igitigiri c’intebe

    01 BUBANZA 4

    02 BUJUMBURA 7

    03 BURURI 7

    04 CANKUZO 3

    05 CIBITOKE 6

    06 GITEGA 9

    07 KARUSI 6

    08 KAYANZA 7

    09 KIRUNDO 8

    10 MAKAMBA 5

    11 MURAMVYA 4

    12 MUYINGA 8

    13 MWARO 3

    14 NGOZI 8

    15 RUTANA 4

    16 RUYIGI 5

    17 MAIRIE DE BUJUMBURA 6

    ZOSE HAMWE 100

    * Uburundi buzoba bugizwe n’intara 18 kuva mu ci rya 2015.

    • Amatora y’Abashingamateka arangiye, CENI iraja inama n’ingingo n’abo vyega bose, igashiraho Abashinga-mateka batatu bo mu bwoko bw’Abatwa. • CENI irashobora kuja inama n’ingingo n’abo vyega kugira yuzurize ibiharuro bitegekanywa n’Ibwirizwa Shingiro : ibice 60% vy’Abahutu, ibice 40% vy’Abatutsi, n’ibice 30% canke birenga vy’abakenyezi.

  • 16

    3. Tu peux être élu Sénateur

    > Comment le Sénateur est élu ?• Sont élus deux Sénateurs d’ethnie différente par province ;• Sont élus par un collège électoral composé de membres des Conseils Communaux de la province considérée ;• Est élu le candidat ayant obtenu le plus grand nombre de suffrages exprimés ; • Après les élections des députés on procède à la cooptation de trois Sénateurs issus de l’ethnie Twa. • La CENI peut procéder à d’autres cas de cooptation afin de respecter les équilibres constitutionnels ; 60% de Hutu, 40% de Tutsi et au moins 30% de femmes.• Le mandat d’un Sénateur est de 5 ans ;

    > Pour être élu Sénateur tu dois :• Avoir la qualité d’électeur ;• Avoir la nationalité burundaise de naissance ou l’avoir acquise depuis au moins dix ans ;• Etre âgé de 35 ans et plus au moment de l’élection ;• Etre physiquement apte ;• Résider au Burundi lors de la présentation des candidatures et être natif, établi ou ressortissant de la province concernée ;• Jouir de tous ses droits civils et politiques. • Avoir constitué un cautionnement de quatre cent mille de francs burundais (400.000 fbu) par liste de candi-dats indépendants ou de partis politiques.

    4. Tu peux être élu membre du Conseil Communal ou Administrateur communal

    > Comment le Conseil Communal est-il élu ?• Les membres du Conseil communal sont élus au suffrage universel direct sur base de listes bloquées ;• Chaque liste doit tenir compte de la diversité ethnique et de la répartition du genre ;• L’attribution des sièges se fait par rapport au nombre de voix obtenues par chaque liste, selon le système du quotient électoral et à plus fort reste ;• Pour trois candidats inscrits à la suite sur une liste, un au moins est une femme ;• L’Administrateur communal est élu parmi les membres du Conseil communal.• Le mandat d’un membre du Conseil communal est de 5 ans

    > Pour être élu membre du Conseil Communal tu dois :• Avoir la qualité d’électeur ;• Etre de nationalité burundaise ;• Etre natif, légalement domicilié dans la commune, ressortissant, établi ou y résider en permanence depuis 5 ans au mois pour la commune rurale, 1 année au moins pour la commune urbaine ;• Etre âgé de 25 ans et plus au moment de l’élection ;• Etre physiquement apte ;• Jouir de tous ses droits civils et politiques.

  • 17

    3. Urashobora gutorwa ngo ube Umukenguzamateka

    > Umukenguzamateka atorwa gute ?• Mu ntara yose hatorwa Abakenguzamateka babiri badasangiye ubwoko ; • Batorwa n’abagize amanama y’amakomine yo mu ntara bitozamwo bose hamwe bakoranye ; • Hatorwa uwuronse amajwi menshi ;• Amatora y’Abakenguzamateka arangiye, CENI iraja inama n’ingingo n’abo vyega bose, igashiraho Aba-kenguzamateka batatu bo mu bwoko bw’Abatwa ; • CENI irashobora kuja inama n’ingingo n’abo vyega kugira yuzurize ibiharuro bitegekanywa n’Ibwirizwa Shingiro : ibice 60% vy’Abahutu, ibice 40% vy’Abatutsi, n’ibice 30% canke birenga vy’abakenyezi ;• Ikiringo c’Umukenguzamateka kimara imyaka 5.

    > Kugira witoze kuba Umukenguzamateka, utegerezwa:• Kuba ufise uburenganzira bwo gutora;• Kuba wavukanye ubwenegihugu bw’Umurundi canke kuba ubumaranye imyaka icumi canke irenga ;• Kuba ufise canke urenza imyaka 35 mu gihe c’amatora;• Kuba ufise amagara meza ;• Kuba ufise uburenganzira bw’ubwenegihugu na poritike• Kuba mu Burundi mu gihe co kwiyandikisha kandi ukaba uri imvukira yo mu ntara witozamwo, canke ukaba ari yo usigaye ubamwo ; • Kuba watanze ingwati y’amafaranga y’amarundi ibihumbi amajana ane (400.000 fbu) ku rutonde rwose rw’abitoza baba abigenga canke baba ab’imigambwe.

    4. Urashobora gutorwa ngo uje mu Nama ya Komine canke ube Musitanteri.

    > Inama ya Komine itorwa gute?• Abagize Inama ya Komine batorwa kw’ijwi ku muntu, kandi baba bari ku rutonde rwugaye ;• Urutonde rwose rutegerezwa kubamwo amoko yose, abagabo n’abakenyezi ; • Intebe zabo zitangwa baravye amajwi urutonde rwose rwaronse mu buryo bukurikira : baragabura amajwi yose yahawe abitoza ku ntebe zose zo muri Komine, bakaba baronse urugero rw’uwitoza umwe wese. Hanyuma bakagabura amajwi y’urutonde rumwerumwe rwose kuri urwo rugero, bakaba baronse igitigiri c’intebe z’urutonde rumwerumwe. Intebe zisigaye zihabwa urundi rutonde ruri mw’ihiganwa, bahereye ku barushije amajwi abandi.

    • Ku bitoza batatu bakurikirana ku rutonde, umwe ategerezwa kuba ari umukenyezi ; • Musitanteri atorwa mu bagize inama ya Komine;• Ikiringo c’uwuri mu nama ya Komine kimara imyaka 5.

    > Kugira witoze kuja mu nama ya Komine utegerezwa:• Kuba ufise uburenganzira bwo gutora;• Kuba uri Umurundi ;• Kuba uri imvukira yo muri Komine witozamwo, canke uhaba, canke warahimukiye ukahaba imyaka itanu canke irenga mu makomine yo mu gihugu hagati, canke umwaka umwe mu makomine yo mu gisagara • Kuba ufise canke urenza imyaka 25 mu gihe c’amatora;• Kuba ufise amagara meza ;• Kuba ufise uburenganzira bw’ubwenegihugu na poritike

  • 18

    5. Tu peux être élu membre du Conseil de colline ou de quartier

    > Comment le Conseil de Colline ou de quartier est-il élu ?• Le Conseil de Colline ou de quartier est composé de 5 membres élus au suffrage universel direct ;• Le Conseiller qui a obtenu le grand nombre de voix devient le Chef de colline ou de quartier ;• Tous les candidats se présentent à titre indépendant.• Le mandat du Conseiller de colline ou de quartier est de cinq ans.

    > Pour être élu membre du Conseil de colline ou de quartier tu dois :• Etre de nationalité burundaise ;• Etre légalement domicilié à la colline ou dans le quartier ou y résider en permanence ;• Etre âgé de 25 ans et plus au moment de l’élection• Etre physiquement apte ;

  • 19

    5. Urashobora gutorwa ngo uje mu Nama y’Umutumba canke y’ikaratiye

    > Inama y’Umutumba canke y’Ikaratiye itorwa gute?

    • Inama y’Umutumba canke y’Ikaratiye igizwe n’abantu 5 batowe kw’ijwi ku muntu ; • Umujenama aronse amajwi menshi niwe aba Umukuru w’umutumba canke w’ikaratiye ;• Abitoza ku gatwe kabo ; • Ikiringo c’umujenama wo ku mutumba canke mw’ikaratiye kimara imyaka itanu.

    > Kugira witoze kuja mu Nama y’umutumba canke y’ikaratiye, utegerezwa :

    • Kuba uri Umurundi ;• Kuba igihe cose ku mutumba canke mw’ikaratiye witozamwo. • Kuba ufise canke urenza imyaka 25 mu gihe c’amatora;• Kuba ufise amagara meza.

  • 20

    V. Campagne éléctorale

    1. Qu’est-ce qu’une campagne électorale

    La campagne électorale est l’ensemble des opérations de propagande précédent une élection ou un référendum et visant à amener les électeurs à soutenir les candidats en compétition ou à se prononcer sur une question qui leur est soumise par voie de consultation

    2. Qui peut faire une campagne

    Seuls les partis régulièrement constitués, leurs candidats ainsi que les candidats indépendants régulièrement inscrits sont autorisés à faire la campagne électorale.

    3. Quant peut-on faire une campagne électorale

    La campagne électorale est ouverte par décret du Président de la République le seizième jour qui précède celui du scrutin. Elle est close 48 heures avant le scrutin. S’il y a lieu de procéder au second tour, la campagne électorale est à nouveau ouverte dès la proclamation des résultats du premier tour. Elle est close aussi 48 heures avant le second tour. Toute propagande électorale en dehors de la période et des heures fixées par Code électoral, est punie par la loi. La campagne se fait de 06 :00 à 18 :00.

    4. Dans quel esprit dois-tu mener la campagne électorale

    L’esprit de la campagne électorale doit être la paix, la tolérance et l’unité nationale. Les candidats doivent savoir que les élections constituent une période d’affrontement d’idées et non des personnes

    5. Quels sont les instruments que la loi autorise pour faire la campagne électorale

    Pour faire une campagne électorale, les instruments suivants sont autorisés par la loi : discours, messages lus, chantés ou proclamés publiquement, affiches, distribution des circulaires, réunions et voies de presse ainsi que par tout autre signe ou symbole distinctif du parti ou du candidat indépendant.

    6. Avec quelles ressources faire la campagne

    Les partis politiques et les candidats indépendants doivent financer leurs campagnes grâce à leurs fonds propres. Personne ne peut utiliser les moyens de l’Etat, ni solliciter l’aide étrangère.

    7. Les programmes des candidats et des partis politiques

    Les candidats et les partis politiques ont un programme politique ou un projet de société. Un programme politique est constitué de l’ensemble des réponses qu’un candidat ou un parti politique entend apporter aux questions importantes que pose le peuple et qui détermine son avenir.

  • 21

    V. Umwiyamamazo1. Umwiyamamazo ni iki ?

    Umwiyamamazo ni ibikorwa vyose vyo kwimenyekanisha birangurwa imbere y’amatora ayariyo yose, bigamije gutuma abatora bashigikira abitoza bahiganwa canke guserura ico biyumvira ku kibazo kibabajijwe.

    2. Ni nde ashobora gukora umwiyamamazo ?

    Imigambwe yemewe n’amategeko n’abitoza bayo, canke abitoza bigenga banditswe biciye mu mategeko, nibo bonyene barekuriwe gukora umwiyamamazo.

    3.Umwiyamamazo ukorwa ryari ?

    Umwiyamamazo wugururwa n’itegeko ry’Umukuru w’Igihugu hasigaye imisi cumi n’itandatu ngo itora ribe, uku-garwa hasigaye amasaha 48. Mu gihe habaye incuro igira kabiri y’itora, umwiyamamazo usubira kwugururwa mu gihe batangaje ivyavuye mw’itora ry’incuro ya mbere, ukugarwa hasigaye amasaha 48 ngo itora ry’incuro ya kabiri ribe. Umwiyamamazo wose utabaye mu misi no mu masaha yashinzwe n’Ibwirizwa rigenga amatora urahanwa n’amategeko. Imyiyamamazo itangura isaha cumi na zibiri mu gitondo, ikarangira isaha cumi na zibiri ku mugoroba.

    4. Ni akahe gatima wokorana umwiyamamazo ?

    Umwiyamamazo utegerezwa kurangwa n’amahoro, ukwihangana n’ubumwe mu gihugu. Abitoza bategerezwa kumenya ko amatora ari ikiringo co guhiganisha ivyiyumviro, ko atari igihe co gusekanisha abantu.

    5. Ibikoresho amategeko yemera mu myiyamamazo ni ibihe?

    Ibikoresho bikurikira nivyo vyemewe n’amategeko mu myiyamamazo : amajambo avugigwa mu makoraniro, ubutumwa busomwa, buririmbwa, bumenyekanishwa ku mugaragaro, bumanikwa, inzandiko zihabwa abantu, amanama, n’ibindi bimenyetso canke ibicapwa bijanye n’umugambwe canke uwitoza yigenga.

    6. Imyiyamamazo ikoresha uburyo buvuye he?

    Imigambwe n’abitoza bigenga bategerezwa gukoresha uburyo bwabo bwite mu myiyamamazo. Nta numwe ashobora gukoresha uburyo bwa Reta canke ngo asabe imfashanyo mu mahanga.

    7. Imigabo n’imigambi y’abitoza n’imigambwe

    Abitoza n’imigambwe barafise imigabo n’imigambi yo gukorera abanyagihugu. Iyo nayo igizwe n’inyishu uwitoza canke umugambwe atorera ibibazo bihambaye bihanze abanyagihugu kuri kazoza kabo.

  • 22

    VI. Les opérations éléctorales

    N° Dates de scrutins Type de scrutins

    01 26 mai 2015 Elections des Députés et des Conseils communaux02 26 juin 2015 Election Présidentielle

    Premier tour03 27 juillet 2015 Election Présidentielle

    En cas du second tour04 17 juillet 2015 Elections des Sénateurs05 24 aout 2015 Election des Conseils de colline et de quartier

    1. Calendrier électoral

    N° Province Nbre de collines ou de quartiers

    Nbre de centres d’inscription

    Nbre de bureaux (unités) d’inscription

    01 BUBANZA 90 129 44502 BUJUMBURA 206 265 705

    03 BURURI 199 296 766

    04 CANKUZO 88 126 304

    05 CIBITOKE 131 189 574

    06 GITEGA 263 310 901

    07 KARUSI 145 177 549

    08 KAYANZA 262 240 788

    09 KIRUNDO 194 208 810

    10 MAKAMBA 139 233 608

    11 MURAMVYA 99 151 407

    12 MUYINGA 230 216 819

    13 MWARO 131 138 363

    14 NGOZI 298 259 955

    15 RUTANA 161 207 489

    16 RUYIGI 178 188 504

    17 MAIRIE DEBUJUMBURA

    194 208 810

    TOTAL 2913 3483 10798

    2. Bureau de vote

  • 23

    VI. Ibikorwa vy’amatora

    N° Imisi y’amatora Amatora ayariyo01 26 Rusama 2015 Amatora y’Abashingamateka n’Inama z’amakomine02 26 Ruheshi 2015 Itora ry’Umukuru w’Igihugu, incuro ya mbere

    03 27 Mukakaro 2015 Itora ry’Umukuru w’Igihugu, incuro ya kabiri (hamwe vyoshika)

    04 17 Mukakaro 2015 Itora ry’Abakenguzamateka05 24 Myandagaro 2015 Itora ry’Amanama y’imitumba n’amakaratiye

    1. Ikirangamisi c’amatora

    N° Intara Igitigiri c’imitumba canke amakaratiye

    Igitigiri c’ibibanza vyo kwiyandikisha

    Igitigiri c’ibibanzavy’amatora

    01 BUBANZA 129 44502 BUJUMBURA 206 265 705

    03 BURURI 199 296 766

    04 CANKUZO 88 126 304

    05 CIBITOKE 131 189 574

    06 GITEGA 263 310 901

    07 KARUSI 145 177 549

    08 KAYANZA 262 240 788

    09 KIRUNDO 194 208 810

    10 MAKAMBA 139 233 608

    11 MURAMVYA 99 151 407

    12 MUYINGA 230 216 819

    13 MWARO 131 138 363

    14 NGOZI 298 259 955

    15 RUTANA 161 207 489

    16 RUYIGI 178 188 504

    17 MAIRIE DEBUJUMBURA

    194 208 810

    VYOSE HAMWE

    2913 3483 10798

    2. Ibibanza vy’amatora

  • 24

    > Les bureaux de vote sont des établissements publics déterminés par la CENI en collabora-tion avec l’administration locale peuvent être utilisés comme bureau de vote.

    > Un bureau électoral composé d’un Président et quatre membres est désigné pour chaque bureau de vote par la CECI.

    > Quel est le rôle des membres de bureau de vote ?• Surveiller le déroulement du vote• Recevoir les bulletins• Dépouiller les bulletins à la fin du scrutin• Dresser les procès-verbaux

    > Les personnes autorisées à être présentes dans un bureau de vote : • Les membres de bureau de vote ;• Les mandataires des partis politiques et des indépendants• Les observateurs agrées ;

    > Le port de badge est obligatoire pour les membres de bureau de vote

    > Réquisitions :Le Président du bureau de vote peut réquisitionner les autorités civiles et militaires pour empêcher tout mouvement susceptible de perturber le déroulement du vote.

    > Interdictions :Il est interdit de:• Introduire des boissons alcooliques ou des stupéfiants dans et aux abords du bureau de vote• Entrer dans le bureau de vote pour tout porteur d’armes de toute nature (arme à feu, arme blanche, gourdin, bâton,…)• Placer une force armée sans autorisation dans les bureaux de vote ni aux abords immédiats

    Tout affichage de documents officiels et administratifs, slogan écrit, photo, est interdit à l’intérieur et à l’exté-rieur du bureau de vote, sauf les photos figurant sur le bulletin de vote.

    > Le bureau de vote est ouvert de 06 :00 à 16 :00. Ceux qui se trouvent dans la file d’attente à 16 :00 peuvent encore voter.> Les mandataires des partis politiques et des indépendants doivent rester en permanence au bureau de vote.

    > Quels est le matériel électoral dans un bureau de vote ?• Une urne transparente ;• Un ou plusieurs isoloirs ;• Lampes de poche ;• L’encre indélébile ;• Le cachet « A voté » ;• L’encreur ;• La liste électorale du bureau de vote ;• Une liste d’émargement ;• Le procès-verbal à plusieurs exemplaires ;• Les fiches de dépouillement ;• Le bulletin unique de vote.

  • 25

    > Ibibanza vy’amatora ahanini biri mu nyubakwa za Reta zitorwa na CENI> Umugwi ujejwe amatora muri komine (CECI) uragena mu kibanza c’amatora cose umugwi ujejwe amatora ugizwe n’Umukuru wawo hamwe n’abamufasha bane.

    > Igikorwa c’abagize umugwi ujejwe amatora ni ikihe ?• Gucungera ingene amatora agenda ;• Kwakira amakarata y’itora ;• Guharura amajwi itora riheze ;• Kwandika ivyegeranyo.

    > Abarekuriwe kuja mu kibanza c’itora : • Abagize umugwi ujejwe amatora ;• Intumwa z’imigambwe n’iz’abitoza bigenga ;• Abarorerezi bemerewe biciye mu mategeko.

    > Abagize imigwi ijejwe amatora bategerezwa kwambara ikimenyetso kibaranga

    > Kwikora ku bandi bantuUmukuru w’ikibanza c’amatora arashobora kwikora ku bategetsi basanzwe canke b’igisirikare kugira bahaga-rike ingendo iyariyo yose yoza ishaka kwonona igikorwa c’amatora.

    > IbiziraKirazira : • Kuzana inzoga canke ibiyayuramutwe ku nkengera canke mu kibanza c’amatora ;• Kwinjira mu kibanza c’amatora ufise ikigwanisho icarico cose (inkoho, ikigwanisho gikarishe canke gi-songoye, ubuhiri, inkoni, …) ; • Gushira umusoda canke umupolisi afise ikigwanisho iruhande canke mu kibanza c’amatora.Nta nzandiko za Reta canke z’intwaro, ivyivugo vyanditse, amafoto, birekuwe kumanikwa inyuma canke im-bere mu kibanza c’amatora, kiretse amafoto ari kw’ikarata y’itora.

    > Ikibanza c’amatora cuguruye kuva isaha cumi na zibiri mu gitondo gushika isaha cumi ku muhingamo. Abari ku murongo isaha cumi barabandanya gutora.> Abatumwa b’imigambwe canke b’abitoza bigenga bategerezwa kuguma mu kibanza c’ama-tora umwanya wose.

    > Ibikoresho vyo mu kibanza c’amatora ni ibihe ?• Isandugu ibonerana ;• Ubwiherero bumwe canke burenga ;• Udutara umuntu ashobora gushira no mu mufuko ;• Irangi ridafudika ;• Ikidodo canditseko « Yatoye » ;• Agacupa k’irangi ;• Urutonde rw’abiyandikishije gutora muri ico kibanza c’amatora ;• Urutonde rw’aboshobora kwiyongerako ;• Impapuro zitegekanijwe z’icegeranyo ;• Impapuro zitegekanijwe zo guharura amajwi ;• Ikarata y’itora imwe rudende.

  • 26

    Comment dois-tu voter ?

    > Etape 1 : fais constater ton identité et ton inscription sur la listeQuand tu entres dans la salle de vote, la première chose à faire est de prouver ton identité. Tu prends donc ta carte d’électeur au bureau de vote qui vérifie que ton nom figure sur la liste électorale du bureau. Si pour une raison donnée tu n’es pas en possession de ta carte électorale, tu t’adresses au Président du bureau afin qu’une solution convenable soit trouée.Prends donc soin d’avoir sur toi une pièce d’identité :• carte nationale d’identité ;• passeport ;• permis de conduire ;• carte matricule de police ou de militaire ;• et autres documents que la CENI peut juger nécessaires.

    > Etape 2 : Prends toi-même un bulletin uniqueUne fois ton identité vérifiée tu prends toi-même le bulletin unique qui est composé de logos de partis politi-ques et des sigles pour les candidats indépendants.

    > Etape 3 : Entre dans l’isoloir Tu entres dans l’isoloir et tu fais une marque ou tu apposes l’empreinte de un de tes doigts déterminé par la CENI à l’encre indélébile en face du logos ou sigle que tu as choisi. Ensuite tu plies ton bulletin.Ne déborde pas dans le cadre d’un autre logo, ton vote sera nul.

    > Etape 4 : Introduis le bulletin unique plié dans l’urneTu sors de l’isoloir avec ton bulletin plié, dirige-toi vers l’urne et fais constater que tu ne portes qu’un seul bulletin par type de scrutin. Après cela, va introduire le pli dans l’urne transparente correspondant au scrutin en présence du bureau et du public.

    > Etape 5 : Fais constater ton voteTu as fini de voter. Tu trempes un de tes doigts dans le flacon d’encre indélébile. Il est alors apposé sur ta carte un cachet à l’encre indélébile avec la mention « A voté ».Tu peux quitter le bureau de vote.

    > Peut-on voter à ta place ?Non. La procuration n’est pas autorisée par la CENI.

    > Peux-tu voter en dehors de ton lieu d’inscription ?Oui,• Si tu es un agent de la sécurité publique en déplacement ce jour des élections pour des raisons de service,• Si tu es journaliste ou bien une personne en déplacement ce jour pour des raisons de service,• Si tu es un observateur national en déplacement. Dans ce cas, pour voter tu dois présenter :• Une carte nationale d’identité• La carte d’électeur• Ton ordre de mission

  • 27

    Utora gute ?

    > Intambwe ya mbere : Erekana indangamuntu yawe n’ikarata wiyandikishirijekoMu gihe winjiye mu nyubakwa y’amatora, ica mbere ukora ni ukwerekana ibikuranga. Uca ufata ikarata y’ito-ra, abajejwe amatora bagaca baraba ko izina ryawe riri ku rutonde rw’abatora. Hamwe vyoshika ugasanga ntufise ikarata yawe y’amatora, uca utumbera umukuru w’abajejwe amatora muri ico kibanza kugira batorere inyishu ikibazo cawe. Niwitwararike rero kugendana ikikuranga :• Ikarata ndangamuntu ;• Igitabu c’inzira ;• Uruhusha rwo kugendesha umuduga ;• Ikarata iranga umuporisi canke umusirikare ;• N’izindi mpapuro CENI ishobora kubona ko zikenewe.

    > Intambwe ya 2 : Fata mu minwe ikarata y’itora imwe rudendeBamaze gusuzuma ibikuranga uca ufata ikarata y’itora imwe rudende iriko ibicapo biranga imigambwe n’ibi-menyetso vy’abitoza bigenga.

    > Intambwe ya 3 : Injira mu bwihereroUrinjiye mu bwiherero. Shira akamenyetso canke utere igikumu imbere y’igicapo wahisemwo, hanyuma uzin-ge ikarata y’itora. Nturengane ikibanza wahisemwo; ushikiriye ikindi kibanza ijwi ryawe rica riba impfagusa.

    > Intambwe ya 4 : Injiza ikarata y’itora imwe rudende mw’isanduguUravuye mu bwiherero, wazinze ikarata y’itora, genda ugana isandugu kandi niwerekane ko ufise ikarata im-wimwe gusa kw’itora rimwe ryose. Ivyo biheze, genda ushire ya karata izinze mw’isandugu ribonerana rijanye n’itora ryayo, imbere y’abajejwe amatora n’abari ngaho bose.

    > Intambwe ya 5 :Erekana ko watoyeUrahejeje gutora. Dumba urutoke rumwe mu gacupa k’irangi ridafudika. Baca bakubita kw’ikarata yawe y’ama-tora ikidodo c’irangi ridafudika canditsemwo « Yatoye ».Ico gihe urashobora kuva ku kibanza c’amatora.

    > Vyoshoboka ko hari uwutora mu kibanza cawe ?Oya. Gutuma ntibirekuwe na CENI.

    > Woshobora gutorera mu kibanza utiyandikishirijemwo ? Ego.• Mu gihe uri umukozi yafashe urugendo rwo gucungera umutekano kuri uyo musi w’amatora ; • Mu gihe uri umumenyeshamakuru canke uwundi muntu wafashe urugendo rw’akazi kuri uwo musi ;• Mu gihe uri umurorerezi wo mu Gihugu uri ku rugendo. Aho rero kugira utore urinda kwerekana • Ikarata ndangamuntu • Ikarata y’itora • Urupapuro rwakurungitse ku rugendo rw’akazi

  • 28

    > Pour les élections collinairesL’électeur inscrit 3 noms choisis parmi les candidats sur le bulletin unique établi par la CENI.

    4. DépouillementLe dépouillement consiste à compter tous les bulletins contenus dans l’urne.Le dépouillement commence immédiatement après la fermeture des bureaux de vote. Il n’y a pas de pause entre les deux opérations. L’opération est continue et ne peut être interrompue que si tous les bulletins ont été comptés.L’opération de dépouillement est publique.

    Une urne non dépouillée ne doit jamais être déplacée hors du bureau de vote.Les résultats du dépouillement sont consignés dans le procès-verbal, qui indique :• Le nombre d’électeurs inscrits au rôle,• Le nombre d’électeurs non-inscrits à ce bureau de vote mais autorisés à y voter ;• Le nombre d’électeurs ayant participé au vote• Le pourcentage de votants par rapport aux inscrits ;• Le nombre de suffrages exprimés en faveur de chaque parti ou candidat indépendant,• Le nombre de bulletins nuls ;• Le nombre d’abstentions ;• Le pourcentage des suffrages exprimés en faveur de chaque parti ou candidat indépendant par rapport aux votants.• Tout mandataire quitte le bureau de vote avec une copie du procès-verbal dument signé et qui doit remettre à son hiérarchie.

    5. Les résultats du vote• Nul n’est autorisé à annoncer les résultats des élections.• La proclamation des résultats provisoires est faite par la CENI.

    La Cour Constitutionnelle proclame solennellement les résultats définitifs des élections présidentielles et des députés après avoir réglé les contentieux pour lesquels elle a été saisie.

  • 29

    > Mu matora yo ku mutumbaUwutora yandika amazina atatu ahisemwo mu bakandida kw’ikarata y’itora imwe rudende yategekanijwe na CENI.

    4. Iharura ry’amajwi Uguharura kwerekeye amajwi yose ari mw’isandugu.Uguharura gutangura buno nyene bacugara ibibanza vy’amatora. Nta karuhuko gategekanijwe hagati y’ivyo bikorwa bibiri. Igikorwa kirabandanya ata guhagarika gushika amajwi yose aharuwe.Igikorwa co guharura gikorerwa ku mugaragaro.

    Isandugu ituguruwe ngo iharurwe kirazira ko bayikura mu kibanza c’amatora.

    Ivyavuye mu guharura vyandikwa mu cegeranyo cerekana :• Igitigiri c’abiyandikishije ;• Igitigiri c’abatora batanditswe muri ico kibanza ariko barekuriwe kuhatorera ; • Igitigiri c’abatoye ;• Ibice vyo kw’ijana baravye abiyandikishije ;• Igitigiri c’amajwi umugambwe wose waronse canke umukandida yigenga ; • Igitigiri c’amajwi y’impfagusa ;• Igitigiri c’abataco bavuze ;• Ibice vyo kw’ijana umugambwe umwumwe waronse canke uwitoza yigenga, baravye igitigiri c’abatoye ;• Umuhagarikizi wese ava mu kibanza c’amatora afise ikopi y’icegeranyo iriko umukono, ashikiriza abamutumye.

    5. Ivyavuye mu matora• Nta muntu numwe arekuriwe gutangaza ivyavuye mu matora.• Gutangaza ivyavuye mu matora vy’imfatakibanza bikorwa na CENI.

    Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro ni yo itangaza ku mugaragaro ivyavuye mu matora y’Umukuru w’Igihugu n’ayabashingamateka, imaze gukura mu nzira ibibazo yashikirijwe.

  • Ce guide est réalisé avec le soutien de l’Ambassade de France dans le cadre de son programme d’appui à la Gouvernance démocratique au Burundi

    Aka gatabo gakozwe kumfashanyo y’Ubuserukizi bw ‘Ubufaransa mu Burundi mu mugambi wayo wo gufasha gutwara neza na demokarasi